Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Icizero co kubaho ku mukobwa wa Whitney Houston cabonetse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Icizero co kubaho ku mukobwa wa Whitney Houston cabonetse

Icizero co kubaho ku mukobwa wa Whitney Houston cabonetse

jeudi 12 Ruhuhuma 2015

Mu gihe umuryango wa Whitney Houston wayagiye ikinyamakuru TMZ ko bagiye gukuramwo ivyuma bituma Bobbi ahema ku munsi nyina wiwe yapfiriyeko, ntivyahavuye biba kubera ukutumvikana guhari hagati y’umuryango wa Whitney Houston n’umuryango wa Bobby Brown.

Mu kiganiro mushiki wa Bobby Brown yatanze kuri Fox 5 Atlanta, avuga ko amagara ya Bobbi ameze neza mbere ko Bobbi yugurura amaso n’ubwo ataratora neza ubwenge. Abaganga bakurikiranye Bobbi basiguriye umuryango wiwe ko n’ubwo azokira azogira ibisigarira bikomeye mu mutwe kubera umwanya yamaze mu mazi adahema vyononye ubwonko bwiwe.

Umuryango wa Bobby Brown bagomvye kubeshuza inkuru yavuga ko Bobbi agiye gukurwa ivyuma bimufasha guhema, no kumenyesha ko bafise icizero ko Bobbi azokira. Ivyo bikaboneka ko hari ukutumvikana hagati y’umuryango wa Whitney Houston n’umuryango wa Bobby Brown, mbere ko ata migambi bari bafise yo gukura ivyo vyuma muri Bobbi.

Mwomenya ko amatohoza ariko arakorwa ku witwa ko ari umugabo wa Bobbi mu gihe umugenzi wiwe yamenyesheje igiporisi ko yabonye Nick ariko ahanagura amaraso mu nzu umunsi batora Bobbi, vyongeye basanze inkovu mu maso no ku munwa kwa Bobbi nk’uko umuntu yoba yamukubise.

Nick Gordon na Bobbi Kristina Brown

Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.