Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiciro c’ikiro c’ikawa kiri ku mafaranga 600 gushika ku wa 30 ntwarante (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Igiciro c’ikiro c’ikawa kiri ku mafaranga 600 gushika ku wa 30 ntwarante (...)

Igiciro c’ikiro c’ikawa kiri ku mafaranga 600 gushika ku wa 30 ntwarante 2014

vendredi 21 Ntwarante 2014

Mw’isekeza ririko riraba ikiro c’ikawa kiri ku mafaranga 600 gushika kuwa 30 Ntwarante ,vyamenyeshejwe na Yozefu Ntirabampa umukuru w ‘urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa mu Burundi CNAC umurima w’isangi.

Mu ntumbero yo kumenyesha uko ibiciro vy’ikawa ku murimyi w’ikawa vyifashe , muri iri sekeza ririko riraba ,umukuru w’urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa bo mu Burundi CNAC Murima w’isangi ,Yozefu Ntibarampa hamwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa mw’ishirahamwe Intercafe , Oscar Baranyizigiye batunganije ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru ,kuri uno wa kane mu bigo vya CNAC Murima w’isangi .

Umukuru w’urwo runani rw’abarimyi b’ikawa Yozefu Ntirabampa amenyesha ko ,igiciro c’ikiro kimwe c’ikawa idatonoye kiri ku mafaranga ari hagati ya 400 hamwe na 600 gushika kuwa 30 Ntwarante. Yaciye amenyesha ko inyuma y’iryo genekerezo ,ishirahamwe Intercafé rizoca ritangaza ibiciro bishasha buri ndwi zibiri. Ni muri iyo ntumbero yaciye asaba abo biraba bose kwubahiriza ico giciro kugira buri muntu wese aronkemwo akunguko kiwe.

Yozefu Ntirabampa yamenyesheje ko abarimyi b’ikawa batazi uko ibiciro biza birahindagurika kw’isoko mpuzamakungu ari naco gituma abarimyi bama bibaza igituma igiciro c’ikawa cama gihindagurika buri gihe . Kuri ico kibazo ,umunyamabanga nshingwabikorwa mw’ishirahamwe intercafé yamenyesheje ko igiciro kiguma gihindagurika bivanye no kw’isoko mpuzamakungu . Inyuma rero yo guhanahana ivyiyumnviro bitandukanye basanze bigoye ko igiciro c’ikawa cama ari cakindi .Mu gushinga igiciro c’ikawa ku murimyi araba amahera aba yakoresheje ,mu cigwa cakozwe n’ishirahamwe Trade Mark East Afrika cerekana ko umurimyi akoresha n’imiburiburi amafranga 400 y’ amarundi kugira aronke ikiro c’ikawa.
umukuru wa CNAC yarangije asaba abajejwe intwaro gukurikiranira hafi ibiciro biba vyashinzwe, kugira vyubahirizwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.