Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igisata c’ubuvuzi kama kiracinubwa mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Igisata c’ubuvuzi kama kiracinubwa mu Burundi

Igisata c’ubuvuzi kama kiracinubwa mu Burundi

jeudi 5 Nyakanga 2013

Kubw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS), ubuvuzi kama busigura ibikorwa, uburyo, ubumenyi n’ukwemera mu bijanye n’ubuvuzi, aho bakoresha ivyatsi, ibishato vy’ibikoko, ubuvuzi mu Burundi bita imiti y’ikirundi, kugira bavure, basuzume amagara y’umuntu uko ameze canke bashobore gukinga indwara.

Uko umwaka utashe, igenekerezo rya 31 Myandagaro, Uburundi burifadikanya n’ibindi bihugu vyo muri Afrika mu guhimbaza umunsi wahariwe ubuvuzi kama muri Afrika.
Mu Burundi, uwo munsi ukazohimbazwa kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 6 Nyakanga 2013, aho icivugo c’uyu mwaka ari : « Ubushakashatsi n’iterambere ry’ubuvuzi kama ». Ibikorwa biranga uyu munsi ni uruganda rw’abamenyeshamakuru, ibiganiro biranga uyo munsi bica ku mboneshakure, n’ihimbazwa ry’uyo munsi wahariwe ubuvuzi muri Afrika.

Mw’ijambo ryiwe yashikirije, uwuserukira abavuza imiti kama mu Burundi mu ruganda rwari rwateguriwe abanditsi n‘abamenyeshamakuru, yamenyeseheje ko ico civugo kije hageze ku bavuza imiti kama kuko n’aho hari ababandanya barondera imiti mishasha ishobora kuvura ingwara zimwe zimwe, usanga bahura n’ibibazo bikomeye kuko ubushakashatsi bwo ngaha mu gihugu cacu bukiri inyuma cane, bigatuma imiti yacu itizerwa ku rugero rushimishije, kandi ubwabo bafise amikoro make yo gushobora kurungika imiti yacu mu bihugu bifise ama laboratoire ateye imbere. Ati : “Turacakoresha ubuhinga bwa kera mu guhingura iyo miti dukoresha hano iwacu bitewe n’ukubura uburyo bwo gushobora kugura ibikoresho bigezweho vyodufasha gutegura neza. Ariko n’aho biri uko, turagerageza uko dushoboye tukaronkera umuti abatwitura“.

Uwaserukiye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, Protais Ntirampeba, yamenyesheje ko hari amategeko yerekeye ico gisata c’ubuvuzi bw’imti kama ariko arigwa kugira akurikirane abo bose bakoresha iyo imiti, barabe ko ari imiti y’ukuri, ko bayikorera mu mategeko, bakisunga na ntaryo amategeko agenga ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Intumbero y’urwo ruganda akaba yari ukwibutsa abarundi bose ko iruhande y’ubuvuzi bw’ikizungu, umugabane wa Afrika ufise ubutunzi mu vyaharemewe, ari ivyatsi, ibiti, n’ibindi. Kabaye akaryo kandi ko guhamagarira umuntu wese na cane cane abahinga babigenewe kwitaho cane igisata c’ubuvuzi bw’imiti kama mu mirimo yoba ya minsi yose.

Kubwa Protais Ntirampeba, igisata c’ubuvuzi y’imiti kama kiracafise ingorane mu bushakashatsi n’iterambere ry’ubuvuzi kama. Ahamagarira ubutegetsi n’amashirahamwe mpuzamakungu yama abafata mu mugongo kurushirizaho kubashigikira mu bijanye n’ugutanga inyigisho ku bavura bakoresheje imiti kama, ari nayo ntambanyi nyamukuru ibuza igisata c’ubuvuzi bw’imiti kama gutera imbere.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.