Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiterwa c’ikawa kigiye kwongerezwa ku mitumba yose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Igiterwa c’ikawa kigiye kwongerezwa ku mitumba yose

Igiterwa c’ikawa kigiye kwongerezwa ku mitumba yose

lundi 9 Nyakanga 2013

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi umupfasoni Odeta kayitesi yamenyesheje ko kubona igihugu c’Uburundi caratowe kugira kiberemwo inama igira cumi n’imwe y’ishirahamwe "African Fine Coffes Association" (AFCA) ari ikintu kigaragaza imigenderanire myiza iri hagati y’Uburundi n’ibindi bihugu vy’Afrika bihurikiye muri iryo shirahamwe ry’ibihugu birima bikongera bigashora ikawa.

Umushikiranganji Odette Kayitesi, akaba ariwe yuguruye icese ibikorwa vy’iyo nama igira 11 hamwe n’ihanishwa ry’ikawa ry’ishirahamwe "African Fine Coffees Association", ni ukuvuga ishirahamwe ry’ibihugu vy’Afrika birima ikawa. Mw ‘ijambo ryiwe ryo kwugurura ivyo bikorwa, yamenyesheje ko igiterwa c’ikawa gifise ikibanza kinini cane mu butunzi bw‘igihugu c’Uburundi. Ni igiterwa bashora hanze aho cinjiza igice kinini c’amafranga y‘agaciro . Ninayo mpamvu dukwiye guteza imbere ico giterwa, umwimbu ukongerekana Uburundi bukagira ikawa y‘akanovera, nk’uko bivurwa na Odeta Kayitesi, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi.

JPEG - 34.8 ko
Odeta Kayitesi, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi

Kugira ivyo bishikweko, ibikorwa bikurikira bitegerezwa gukorwa, kwongereza igiterwa c’ikawa ku misozi yose yo mu gihugu, gutunganya hamwe no kwegeranya abarimyi b’ico giterwa bose, gufatanya n’intwaro zo hasi mu vyerekeye ikawa kugira bahimirize abarimyi b‘ikawa ukuntu bakwiye kuyifata neza, kwongereza ubumenyi abaserukira abarimyi b‘ikawa canke abarimyi b’ikawa ubwabo nyene, gufata mu mugongo uwo mugambi wo kwubaka aho batonorera ikawa. Ikindi kandi ni uko bazoraba ko abo barimyi bakoresha ifumbire mu gutera ico giterwa c’ikawa hamwe no gufasha mu gushinga amakoperative y‘abarimyi b‘ikawa na cane cane mu turere basanzwe bimbura ikawa nyinshi, kandi no mu mu turere tutarimwo amatonorero yo kwoza iyo kawa.

JPEG - 38.5 ko
Bamwe mubari bitavye iyo nama itegura iyizobera mu Burundi mu kwezi kwa Ruhuhuma 2014

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi akaba yamenyesheje ko iyo nama igira 11 ya AFCA hamwe n’iyindi izoba mu kwezi kwa Ruhuhuma mu mwaka w’2014 i Bujumbura, kazoba ari akaryo keza ko guteza imbere ikawa ya Afrika muri rusangi, cane cane ikawa y’Uburundi vy’umwihariko. Umushikiranganji Odeta Kayitesi yagize ati : "Igihugu cacu gitegerezwa kwitegurira iyo nama izoba mu kwezi kwa Ruhuhuma umwaka w’2014 kuko ni ibakwe tugiriwe kugira tudandaze iyo kawa."


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.