Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiterwa c’ipampa cavuye ku matoni ibihumbi icenda kija ku bihumbi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Igiterwa c’ipampa cavuye ku matoni ibihumbi icenda kija ku bihumbi (...)

Igiterwa c’ipampa cavuye ku matoni ibihumbi icenda kija ku bihumbi bibiri

lundi 31 Ntwarante 2014

Ku va mu magume yo mu mwaka w’1993 yabaye mu gihugu c’Uburundi, ishirahamwe COGERCO ryitaho igiterwa c’ipampa, ryagiye rirahura n’ingorane zidasanzwe, aho ndetse n’amatongo y’iryo shirahamwe yahavuye itwarwa.

Kuva muri urwo rwimo, iryo shirahamwe ntiryorohewe, ndetse rikaba ubu ririko riragerageza kwisununura, naho utugorane two tutabuze, eka ndetse rikaba rikeneye n’uburyo butari buke kugira risubire kwitaho ico giterwa njabukamazi, cari gisanzwe gifitiye akamaro kanini Uburundi.

Mu myaka ya 80, ico giterwa njabukamazi cari giteye imbere mu Burundi ku rugero rumwe n’ikawa co kimwe n’icayi. Ico gihe ihinguriro COGERCO, rikaba ryari rikunzwe cane co kimwe n’ihinguriro COTEBU ryakora impuzu. Imbere y’urwimo rwo mu mwaka wo mu 1993, ishirahamwe COGERCO ryari rifise amatongo menshi yo kurima igiterwa c’ipampa. Muri iyi myaka, iryo hinguriro ry’ipampa rigaharura amahegitari 2200 gusa, mu gihe imbere y’urwimo rwo mu mwaka w’1993, ryari rifise amahegitari ibihumbi bine.

Tukaba twobamenyesha ko igipande kinini c’iryo shirahamwe kiri muri komine ya Rugombo mu ntara ya Cibitoke. Amatoni ibihumbi 2000 gusa akaba ariyo asigaye yimburwa y’ipampa, mu gihe imbere y’urwimo, amatoni ibihumbi icenda ariyo yimburwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.