Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igurishwa ry’umugozi wakoreshejwe mu kuniga Saddam Hussein ririko ritera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Igurishwa ry’umugozi wakoreshejwe mu kuniga Saddam Hussein ririko ritera (...)

Igurishwa ry’umugozi wakoreshejwe mu kuniga Saddam Hussein ririko ritera impari

mercredi 11 Ruhuhuma 2015

Umugozi wakoreshejwe mu kubamba Saddam Hussein uriko uragurishwa, ariko rero iryo gurishwa ririko ritera impari kubera uwuriko arawugurisha yoba atabifitiye uburenganzira.

Uwo mugozi wakoreshejwe mu mwaka w’2006 mu kubamba Saddam Hussein uriko ugurishwa imiriyoni indwi z’amadorari (7 millions de dollars). Uriko udandazwa na Mowaffak al-Rubaie yahoze ari mu nama mpanuzwajambo ya Irak igihe Saddam yabambwa. Amakuru ava mu kinyamakuru al-Araby al-Jadeed co mu barabu ariko gikorera i Londres mu Bwongereza, avuga ko uwo mugabo ariko agurisha uwo mugozi yafashije cane mw’inyongwa rya Saddam. Nk’uko bivugwa ko yari umwansi wiwe, niwe yakweze ikigunguru Saddam yari ashizeko amaguru, imbere y’uko umugozi umuniga. Amakuru ava mu kinyamakuru Azzaman avuga ko Mowaffak al-Rubaie yabigize kubera Saddam yari umwicanyi n’umusuma karuhariwe.

Ico kinyamakuru nyene candika ko bitumvikana igituma uwo mugozi wogurishwa na Mowaffak al-Rubaie kuko waguzwe na Reta ya Irak kw’isoko ya Chorja y’i Bagdad, bawuguze baravye uko ungana kandi ko ushoboye guterura uburemere bwa Saddam Hussein. Uwo mugozi rero ntiwogurishwa n’uwo mugabo ahubwo yoshigwa mu minwe ya Reta.

Mwomenya ko uwo mugozi uteye ikibazo wagira ugurwe n’abagwizatunga bava muri Israyeri, muri Irani n’abandi babiri bava muri Koweti.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.