Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihayanishwa gurisha rya mbere ry’uguteza imbere ivyiyumviro vy’abarimyi mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ihayanishwa gurisha rya mbere ry’uguteza imbere ivyiyumviro vy’abarimyi mu (...)

Ihayanishwa gurisha rya mbere ry’uguteza imbere ivyiyumviro vy’abarimyi mu Burundi

mardi 26 Munyonyo 2013

Igisata c’Uburimyi mu Burundi ni igisata kihura n’intambanyi zitari nke mu gihe ari igisata kibeshejeho ingo zitari nke.
Mu ntumbero yo guteza imbere ivyiyumviro vy’imigambi y’abarimyi, haraye huguruwe ku mugaragaro, kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 25 Munyonyo 2013 ihayanishwa gurishwa rya mbere ry’imigambi y’abarimyi mu Burundi ryateguwe n’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi.

Ni ihayanishwa gurishwa rigiye gushira hamwe abasanzwe bakorera mu gisata c’uburimyi hamwe n’ibigo bisanzwe bitanga uburyo, yaba amabanki manini canke matomato. Iryo hayanishwa rigiye kandi gushigikira no guteza imbere ivyiyumviro vy’imigambi irashe mu gisata c’uburimyi.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri, ari nawe yuguruye ku mugaragaro iryo hayanishwa, yamenyesheje ko igisata c’uburimyi gushika n’ubu kitararonka uburyo bukwiye bwo kwisununura n’aho biboneka ko mu Burundi hakorera amabanki atari make yofashanya n’ico gisata. Mukamenya ko ubu mu gisata c’uburimyi n’ubworozi hinjira amafaranga agera ku gice 1 kw’ijana.

Nk’uko Gerevazi Rufyikiri yabimenyesheje, igisata c’uburimyi gifise uruhara ntangere mu butunzi bw’igihugu mu kwinjiza amafaranga agera ku bice 44 kw’ijana. Bimwe mu ntambamyi ico gisata gihura naco, hari ubukene bw’amafaranga adakwiye yogushigikira ico gisata.
Yahamagariye abarongoye amabanki n’ibindi bisata bisanzwe bishigikira abanyagihugu batobato mu kubaronsa uburyo bwo kwiyungunganya, amakoperative, ko borondera uburyo bwoshobora gufasha mu gutera imbere no mu gutanga ingurane ku barimyi-borozi.
Amashirahamwe y’abarimyi asaba ko hoba inyigisho ku barimyi kugira babigishe uburyo bosaba ingurane ata ntambanyi zihabaye.

Abasanzwe bashigikira igisata c’uburimyi n’ubworozi mu Burundi bavuga ko mu gihe hoba ibiganiro hagati y’abarongoye amabanki, n’ibindi bigo bisanzwe bifasha mu gutanga ingurane ku bantu batobato hamwe n’abarimyi borozi, kugira berekane uburyo n’ibisabwa kugira ingurane zitangwe, abo barimyi borozi boshobora kuronka ingurane uko bovyipfuza, maze igisata c’uburimyi n’ubworozi kigatera imbere.

Mwomenya ko iryo hayanishwa kugirishwa ryari ryitabiribiwe n’abatari bake, nk’amashirahamwe yikorera uvyabo atandukanye, ay’abarimyi, amashirahamwe mpuzamakungu asanzwe akorana n’ico gisata nka PAM, ariko ivyatangaje abatari bake, n’uko amashirahamwe nka FAO na FIDA atashoboye kuhaba, mu gihe asanzwe azwi nk’amashirahamwe akorana n’igisata c’uburimyi n’ubworozi.


Mariella Bukuru

Messages

  • gerageza mupfaso mugabo wibuke iwanyu inzara irabica kuko hari politique mbi muri agriculture ONGs zarishe abantu be n abagurisha amatongo batagira aho baja,umurwazo,..Abatware nibahimirize abarimyi ahandi ho nta kazoza mawe...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.