IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Ihuriro ry’urwaruka nya Afrika ryagize isengesho ryabereye muri WATER Front (...)

Ihuriro ry’urwaruka nya Afrika ryagize isengesho ryabereye muri WATER Front Bujumbura

samedi 23 Ruhuhuma 2013

African Youth Leadership (AYLF) ni ihuriro ry’urwaruka nya Afrika. Igisata caryo mu Burundi cagize isengesho ryabereye mw’ihoteri WATER Front Bujumbura mu ntumbero yo guhura n’abagize uwo muryango no gusengera akarere ka Afrika y’ubuseruko. Iryo sengesho ryabaye kuri uyu wa 6 igenekerezo rya 23 Ntwarante, 2013. icivugo c’uwo munsi cari "Stand up, Step up, Speak up"

Isengesho ryatangujwe na Mr Francis mu guha ikaze abari aho ndetse no gushimira Imana yafashije abari aho gushika muri ico kibanza. Munyuma hakurikira umucuraranzi Maya mu indirimbo ziwe zihimbaza Imana nkiyitwa « i’ll give God my lifetime ».

JPEG - 59.6 ko

Chris Habonimana yahora ari umunyeshure aserukira abandi kuri kaminuza Lumière de Bujumbura, yasiguye uko iciyumviro co guhuriza hamwe urwaruka rwo mu Burundi muri AYLF vyatanguye.

JPEG - 60.5 ko

Yerekanye ko kuba muri iryo huriro ari intumbero nziza ku rwaruka rwitegurira kuzorongora abandi muri kazoza. Yerekanye urwaruka rwo mu gihugu kimwe kimwe cari caserukiwe ndetse n’abaserukiye amashure kaminuza atandukanye ya hano i Bujumbura.

Hasomwe imirongo yo muri bibiliya muri Nehemiya 2 :11-20, abaheburayo 11 :32-34 ndetse n’umurongo wo muri korowani Al Iman Surat 2 : 125.

JPEG - 99.4 ko

Runyutu Leonidas, umwe mu bagize uwo muryango kuva kera kandi bigaragara ko afatwa nkaho ariwe akuze, yashinze intahe ijanye n’igihe amaze muri uwo muryango n’ivyiza vyawo. Yahaye umukobwa wiwe akanya nawe aravuga vyinshi kuri uwo muryango.

JPEG - 53.2 ko

Hakurikiye gusengera isi, cane cane mu kwihana banasengeye igihugu c’Uburundi. Umuvugabutumwa Appolinaire, nawe nyene yaboneyeho akaryo ko gusengera ibihugu vya afrika na cane cane igihugu ca Mali. Hanasengewe isi muri rusangi, bashimikira ku ngorane ziri muri Syria.

JPEG - 94.2 ko

Allan Shepherd ajejwe ibihugu vyo muri aka karere muri uwo muryango wa AYLF, yavuze ko umuryango ushaka ko urwaruka ruwuhurikiyemwo, rugira amahirwe yo guhindura ndetse no guteza imbere ibihugu rukomokamwo.

JPEG - 75.6 ko

Yashimiye cane Chris Mulisa na Godfred Nzirimu bitanze mu Burundi kugira ngo uyo muryango ushobore kwaguka.

PNG - 265 ko

AYLF ikorera mu bihugu bitandukanye, eka n’abayigize bava mu madini yose.

JPEG - 125.8 ko

fyonda ngaha ushobore kuraba amafoto


Paterne Angelo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.