Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ijenda: Abanyagihugu batagira ibitungwa bararima ntibimbure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ijenda: Abanyagihugu batagira ibitungwa bararima ntibimbure

Ijenda: Abanyagihugu batagira ibitungwa bararima ntibimbure

mercredi 10 Mukakaro 2013

Abanyagihugu bo mw’Ijenda muri komine Mugongo Manga baremeza ko igiterwa c’ibijumbu kizimvye rwose kandi ari co cari kibatunze. Bavuga ko umufungo bahora bagura ku mafaranga amajana atanu, ubu waduze, uja ku mafaranga igihumbi.

Ivyo rero bishitse mu gihe abo banyagihugu bemeza ko ibijumbu mu ntara ya Bujumbura ari vyo vyari bibatunze, ubu rero iryo zimba ryavyo rikaba rizobasiga mu ngorane z’inzara. Bavuga ko ibigori, ibiraya n’ibijumbu arivyo bifungurwa bikunda cane muri iyo ntara kandi navyo bikaba bitunze abantu isinzi. Ikindi naco bavuga, ni ukwo ivyo bijumbu ngo hari abantu bava mu gisagara ca Bujumbura baja kubirangura kugira bace babidandaza, haba abafise uburiro, eka ndetse hakaba n’abandi baza bavuye mu zindi ntara zihana urubibe n’iyo komine ya Mugongomanga.

Ariko rero ngo naho ibijumbu biriko birazimba cane muri iyo ntara kandi ikirere kitari cagenze nabi, biva ku bukene bw’ibitungwa ,bigaca bibagora cane kuronka umwavu, bagasigura rero ko utagira umwavu udashobora kurima muri iyo komine ngo wizereko uzimbura.Abatagira ibitungwa kenshi ngo usanga aribo baja guca ingero, maze bagaheza bagahembwa intica ntiikize bagaheza bagaca baja gusuma mw’isoko.

Abanyagihugu rero basaba Leta y’Uburundi ko yobafasha ikabaronsa ibitungwa abatabifise, na rirya Leta ifise umugambi w’ukurwanya inzara mu gihugu, maze nabo bagaheza bagashobora kurima ndetse bakizera kwimbura nk’abandi. Abanyagihugu rero bavuga ko kugura umwavu w’ikizungu biruhisha kandi bakavuga ko nawo nyene waduze ibiciro, ubu akaba umuntu ashobora kugura uyo mwavu aba ari umutunzi, benshi bawurungikirwa n’incuti zabo ziri mu gisagara ca Bujumbura, umukene rero atagira incuti aca aheza akarima ariko atazi neza ko azimbura.


Aristide Nizigire

Messages

  • abanyagihugu bomwijenda ntibaramenya kurima kijambere nukorara kijambere dusaba ko abafundi bindimo bobigisha babasanze kukivi nacane cane bakabigisha gukorera mumashirahamwe , ntibaramenya kurima imboga bazigura nkabanyabujumbura kandi arisi imera imboga cane imyonga yabo bayikuyemwo ibiraya icayicara kandi boyirima mwo amashu amwa wose.
    MENYA NEZA LETA ISABWA KUGWIZA ABAFUNDI BINDIMO

  • nagomba mbaze Ko Ibijumbu Navyo Babifumbiza Umwavu Wikizungu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.