Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikawa itunze imiryango itari mike mu gihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ikawa itunze imiryango itari mike mu gihugu

Ikawa itunze imiryango itari mike mu gihugu

vendredi 12 Mukakaro 2013

Muri iki gihe c’ici, ni igihe aho mu ntara zimwe zimwe haba heze ikawa, ndetse mu miryango bafise ico giterwa ugasanga umunezero ari mwinshi, kuko mu gihe c’isizeni amafaranga aba ari menshi, imiryango izifise igaheza ikikenura.

Ariko rero ico giterwa carahuye n’ingorane z’intambara zagiye ziraba ku va mu mwaka w’1993, aho abari basanzwe bafise ico giterwa bahunze, bagisiga conyene, mu gihe hari n’izindi zaturiwe muri ico gihe c’intambara. Gushika n’ubu rero hari abantu batasubiye kuzirima, ariko rero nabo nyene baremeza ko ico giterwa cari kibafitiye akamaro kitarahura n’intambara.

Bangirinama ni umurimyi wo mu ntara ya Muyinga, yatumenyesheje ko imbere y’intambara mu gihe nk’iki, baba bafise amafaranga menshi, kuko caba ari igihe baba bariko barahembwa. Ubu rero uyo mupfasoni yatubariye ko kuva intambara ibaye, ikawa ziwe nazo zahuye n’ingorane, abantu barazituriye, inyuma y’imyaka itanu yabaye mu buhinguro yasanze zarononekaye, bica bituma atashoboye gutera izindi kubera ko no kuzikorera atari kubishobora.

Aremeza ko ico giterwa gifitiye akamaro imiryango igifise, kuko abazikoreye neza basarura nyinshi, nabo bakaronka amafaranga menshi bagaheza bagateza imbere imiryango yabo. Bangirinama rero kandi avuga ko iyo aba yari agifise amagara yo kuzikorera, nawe nyene ubu yoshobora kuzitera, agaheza akazikorera kugira ashobore kuronka akanoti mu gihe c’isizeni. Ahanura abarimyi ndetse n’abantu batazifise ariko bagifise amagara yo kuzikorera, ko bozikorera neza, bakazisasira kandi bakanazipompa bakurikije impanuro z’abahinga b’indimo, kugira nazo ziteze imbere urugo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.