Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo BBN cahagaritse urudandazwa rw’inzoga "Kargasok" mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ikigo BBN cahagaritse urudandazwa rw’inzoga "Kargasok" mu Burundi

Ikigo BBN cahagaritse urudandazwa rw’inzoga "Kargasok" mu Burundi

mardi 7 Nzero 2014

Ibiro vyishinze gukurikirana ko ivyakozwe bikwije ibikenewe vyose, hamwe no gukurikiranira hafi ibikorwa vyaranguwe, BBN (Bureau Burundais de Normalisation) vyaraye bishizeho itegeko ryo guhagarika urudandazwa rw’inzoga bita "Kargasok"

Kargasok ni inzoga ikorwa biciye mu mababi y’icayi yashuhijwe mu mazi ashushe harimwo n’isukari (ikiro kimwe c’isukari ku maritiro 20 y’amazi). Inyuma yo kubira, baca bayahoza hanyuma bagaca bayungurura. Amazi bayunguruye niyo aca ahava agasukwa mu macupa y’ama miriritiro agera kuri 50 bashizemwo n’umwambiro uvamwo iyo kargasok.

Inyuma y’aho ibiro BBN bitohoreje ibijanye n’iyo nzoga bita Kargasok, bagasanga idandazwa bitanaciye no mu mategeko, kuri uyu wa mbere w’igenekerezo rya 6 Nzero 2014 haciye hafatwa ingingo yo kuyihagarika burundu mu Burundi.

Amakuru ava mu ntara ya Bubanza amenyesha ko iyo nzoga yabaye rurangiranwa kuko abantu bose ariyo basigaye bisasira, abanyagihugu baho bakavuga ko ari inzoga nziza ivura indwara zitari nke, zigera kuri 16, harimwo no kuvura inzoka zo mu nda.
N’aho abazinywa babwirwa ko inzoga Kargasok ivura icarimwe indwara zitari nke, Emmanuel Bamenyekanye, umuyobozi ajejwe amazu araba ivy’imiti (pharmacie) n’aho bayisuzumira (laboratoires) avuga ko ata muti n’umwe wigeze ubaho uvura icarimwe indwara zirenga cumi. "Nta muti uvura indwara nk’izo ushobora kugurirwa mu tuzu tw’ubudandaji atari mu tuzu gusa twabigenewe (pharmacies).

Nk’uko Damiyano Nakobedetse, umuyobozi w’ibiro BBN yabimenyesheje, iyo nzoga Kargasok, abanyagihugu bayinywa ukuri kwamye bakayifata nk’umutobe canke nk’icayi, mu gihe bivurwa ko irimwo umwambiro uboreza.
Inzoga Kargasok isanzwe inaguriswa bidaciye no mu mategeko, ubu ikaba igeze ku rwego ruteye amakenga na rirya n’abayigura baguma biyongera kubw’igiciro cayo kiri hasi, ku mafaranga y’amarundi ari hagati y’amajana atandatu (600Frs Bu) n’igihumbi (1000Frs Bu).

JPEG - 56.1 ko
Abakunzi b’inzoga "Kargasok" bariko bayihereza ukuri kwamye

Ikigo BBN kikaba caciye gifata ingingo yo kuyihagarika, inyuma yaho kiboneye ko iyo nzoga idandanzwa bitarekuwe n’amategeko agenga idandazwa ry’ibiribwa n’ibinyobwa risanzwe rirabwa nico kigo nyene.
Damiyano Nikobedetse yamenyesheje ko ikigo BBN kibandanya ciga ivyerekeye iyo nzoga, kugira bihweze neza ko idafise ingaruka mbi ku magara y’abayinyoye.

Mwomenya ko inzoga Kargasok inyobwa n’abatari bake yahagaritswe no mu gihugu kibanyi c’Urwanda.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.