Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo c’igihugu co gusuzuma imbuto caruguruwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ikigo c’igihugu co gusuzuma imbuto caruguruwe

Ikigo c’igihugu co gusuzuma imbuto caruguruwe

vendredi 2 Myandagaro 2013

Ikigo c’igihugu kijejwe gusuzuma imbuto caruguruwe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 30 mukakaro 2013 mu ntara ya Gitega, n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Odette kayitesi.

Gushira mu ngiro umugambi w’igihugu werekeye imbuto(PNS) hamwe n’itegeko rijanye n’ivyimbuto, gukora hamwe no gushira mu ngiro amategeko mu vyerekeye mu nzego zijejwe ivy’imbuto n’amategeko yo gukwirikiza mu kuronderera hamwe no guteza imbere umwimbu, kwiyandikisha mu rudandazwa rw’imbuto hamwe no gusuzuma imbuto ni vyo bikuru bikuru ico kigo kizokwitaho. Umushikiranganji yamenyesheje ko ugushiraho uwo mugambi ujejwe ivy’imbuto, bizofasha cane mu guteza imbere umwimbu mu burimyi, ibahasha ririmwo amafranga agera kuri 650.000 y’abanyaburaya yarategekanijwe kugira bubake inzu izoba ijejwe gusuzuma izo mbuto (laboratoire) mu mwaka uza.

Mu Burundi, ibice 80 kw’ijana vy’abanyagihugu babeshejweho n’uburimyi, ico kigo kikazofasha cane mu kubaho neza kw’umunyagihugu yarafise ingorane z’imbuto zibi usanga ziri kw’isoko, zkaba arizo zinasubiza inyuma umwimbu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.