Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo cakira abarwaye indwara zo mu mutwe kigeze aho umwansi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ikigo cakira abarwaye indwara zo mu mutwe kigeze aho umwansi (...)

Ikigo cakira abarwaye indwara zo mu mutwe kigeze aho umwansi ashaka

jeudi 26 Nyakanga 2013

Kurwara mu mutwe, ni indwara zikunda kutegwa n’imibereho y’ubuzima. N’aho mu bushakashatsi bumaze gukorwa ata gituma nyamukuru gituma abantu bagira ingorane zo mu mutwe canke bigashika bagasara, kugira imyitwarariko myinshi y’ubuzima « Stress exagéré » vyaratowe ko biri mu bituma.
Ingorane zo mutwe ntiziraba ubwoko canke igihugu, zifata abo bose boba bahuye n’ingorane zibarengeye ntibamenye uko bavyifatamwo, yaba gutakaza utwabo canke kubura ababo. Mu Burundi, ikibazo c’abarwayi mu mutwe kiracibonekeza cane mbere n’ikigo babamwo bamwe kikaba kitorohewe muri ino minsi.

Ikinyamakuru IGIHE cagendeye ikigo gicungerewemwo abarwayi bo mu mutwe i Bujumbura, aho benshi bite “Kwa Le gentil”. Umuntu ashitse kuri ico kigo kivurirwamwo abarwayi yogira ati vyose n’amarame, ariko si uko biri muri kino gihe.
Muti none ico kigo kijejwe iki muri rusangi : Ikigo « CNPK » (Centre Neuropsychiatrique de Kamenge), ni ikigo c’abihebeyimana gisanzwe gifasha abagize ingorane zo mu mutwe, haba mu kubavura no mukubitaho kugira bagarukane akenge.

JPEG - 46.1 ko
Uwurongoye ico kigo CNPK, Furera Hypolite Manirakiza

Kubera ko arico kigo gihari mu Burundi cakira abarwayi mu mutwe, cakira benshi bigaca bituma bakoresha n’uburyo bwinshi bwo gufasha abaje kubitura. Muri ino minsi kikaba cashize ku mugaragaro ingorane z’uburyo gifise mu gihe n’ubishikiranganji bwahora bufata mu mugongo ba ntahonikora bari muri ico kigo butakibashigikira.

Uwurongoye ico kigo ca CNPK, Furera Hypolite Manirakiza, yamenyesheje ko Leta itagarukiye ico kigo, kizohava cugara, aho naho abarwayi akaba aribo bazohura n’ingorane. Furera arongoye ico kigo, yamenyesheje ko ingorane ziriko ziribonekeza ubu muri ico kigo, zatewe ahanini n’amadeni gifitiwe atarabarihwa amaze imyaka hafi itatu, kuva mu mwaka w’2010, gushika igenekerezo rya 31 Kigarama 2012. Mu gihe twongongerako ayandi ico kigo giheraniwe n’abandi bakorana (Les partenaires) iryo deni rica ryababa hafi umuriyaridi w’amafaranga y’amarundi. Muri ayo, ubushikiranganji bwo gushigikiranira bufitiye ico kigo imiyoni 641 y’amarundi, igipolisi ni imiriyoni 14, igisirikare ni imiriyoni 52. Ayo madeni yose akaba ashobora kuzotuma ico kigo cugara.

Ku ruhande rwa Leta, ubushikiranganji bwo gufatana mu nda hamwe n’ubw’ikigega ca Leta buremeza ko bufitiye ayo mafaranga ico kigo, ariko ko ico kibazo kikiriko kirirwa kugira iryo deni ririhwe. Basavye ko ikigo CNPK corekure abarwayi batoye mitende bagataha kigira ideni ntirigume ryiyongera.

Ku bivurwa ko abakize boba barafashwe nk’imbohe muri ico kigo, Furera Hypolite yahakanye ko ico kigo kitigeze kibuza n’umuntu numwe yoba yarakize kugenda canke ngo kibugarane, ariko ko abarwayi ubwabo aribo batakunze kugenda kubera ko basohotse ico kigo batosubira kuronka imiti baza baranywa, na rirya umurwayi wo mu mutwe adashoka akira muri uyo mwanya nyene.

Yasavye ahubwo ko Leta yobishura ideni babafitiye kugira baronke imiti babandanya baha atarakira, kuko kuguma basohora imiti ata mahe


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.