Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo IRRI c’akarere ka Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko kigiye gukorera mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ikigo IRRI c’akarere ka Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko kigiye gukorera mu (...)

Ikigo IRRI c’akarere ka Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko kigiye gukorera mu Burundi

lundi 28 Gitugutu 2013

Ikigo co muri Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko kijejwe guteza imbere igiterwa c’umuceri "Institut International de la Recherche du Riz de l’Afrique de l’Est et du Sud (IRRI)" kizokwugururwa kuri uwu wa gatatu i Bujumbura.

Ico kigo co muri Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko kigiye kwugururwa mu Burundi gihurikiyemwo ibihugu umunani, Burundi, Rwanda, Tanzanie, Kenya, Ouganda, Malawi, Mozambique na Madagascar. Joseph Bigrimana, umuhuzabikorwa w’ikigo IRRI (Institut International de la Recherche du Riz) amenyesha ko ico kigo kibaye ica gatatu inyuma ya bibiri biri mu Buhindi no muri Firipine. Uburundi rero bwatowe kugira bubemwo ibiro vy’ico kigo mu karere ka Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko bivanye n’isi ndimwa yaho yorohereza ico giterwa, haba mu kiyaya canke mu misozi.

Intumbero nyamukuru y’ico kigo ni ukurwiza umwimbu w’umuceri hatarinze gukoreshwa uburyo bwinshi, ivyo navyo bikazofasha kugabanya igiciro c’umuceri.
Ikigo IRRI/Burundi cari gisanzwe gikorera kuri kaminuza y’Uburundi, kiramaze gutunganya ibikorwa bitari bike bijanye n’uguteza imbere igiterwa c’umuceri nk’ukurwiza imbuto zirobanuye, ukwongereza ubumenyi ku mashirahamwe agera kuri 30 y’abarimyi b’umuceri mu gihugu cose, hamwe n’ubushakashatsi bwo kurwanya indwara zifata igiterwa c’umuceri.

Joseph Bigirimana abandanya amenyesha ko ubwoko bubiri bw’ibiterwa vy’umuceri bwimbuka cane kandi burinda indwara aribwo bumaze gukwiragizwa mu Burundi, ari navyo vyatumye umwimbu ugera ku mahegitari 6 gushika ku munani, mu gihe ku bundi bwoko bw’umuceri umwimbu utarenga amatoni atanu ku hegitari imwe.

Mu gihe igiterwa c’umuceri cahora kirangwa n’abakirima bakoresheje ubuhinga buke, canke naho nabo bakirima bakaba bake, Joseph Bigirimana amenyesha ko ikigo IRRI kizofasha guteza imbere ubwo burimyi, ku buryo bizeye ko mu myaka ine iri imbere, Uburundi butazoba bugikeneye umuceri avuye hanze y’igihugu.

Mwomenya ko ikigo IRRI kiriko kiragerageza ubwoko bugera ku majana atanu bw’umuceri mu kiyaya c’Imbo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.