Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikoreshwa ry’imigeto y’ibiti mu bunywero rivugwako vyinshi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ikoreshwa ry’imigeto y’ibiti mu bunywero rivugwako vyinshi

Ikoreshwa ry’imigeto y’ibiti mu bunywero rivugwako vyinshi

jeudi 10 Nzero 2013

Haraheze igihe imigeto y’icuma ibujijwe gukoreshwa mu bunywero. Muri kino gihe rero hakaba hakoreshwa imigeto ikozwe mu giti iyo bariko barotsa inyama.Mu bisanzwe rero iyo migeto ikozwe mu giti ikoreshwa incuro imwe gusa,ariko rero mu bunywero bumwe bumwe iyo migeto ikoreshwa incuro irenga imwe.

Muri kino gihe,hafi ubunywero bwose bukoresha imigeto ikozwe mu giti mu kwotsa inyama canke amafi.Ako kamo kakaba katewe mu ntumbero yo gukingira indwara ziterwa n’ingese zibonekeza ku migeto ikozwe mu cuma.

JPEG - 79.7 ko

Naho rero ako kamo kakiriwe neza, hari abatanezerezwa no kubona mu bunywero bumwe bumwe imigeti ikozwe mu giti ikoreshwa incuro irenga imwe mu gihe bitegekanijwe ko iyo migeto ikora incuro imwe gusa.Abotsa inyama canke amafi bobo baremera ko iyo migeto ykozwe mu giti bayikoresha incuro nyinshi kandi ko ata ngorane babibonamwo.Abandi bavuga ko babikora kugira ntibatakaze ababagurira.

Abantu bamwe bamwe baremeza ko bamaze kubona ko iyo migeto ikoreshwa incuro nyinshi,bavuga ko mbere ivyo babimenya mu gihe umugeto uvunitse bataraheza no gufungura inyama.Abandi kandi bavuga ko ushobora kubimenya iyo wihweje neza umugeto kuko uwusangako ibisigarira vy’imyotsi vyinshi rimwe na rimwe mbere usanga iyo migeto ikanye kuko baba bahejeje kuyoza bayikurako ibiba vyasigayeko ubwa mbere.

Abadandaza inyama bobo bavuga ko babigira mu ntumbero yo kugarura amafaranga make.Nayo kubijanye nuko umugeto w’igiti ukoreshejwe incuro nyinshi ushobora kuzana ingaruka mbi,bavuga ko bobo atavyo babona mu gihe ngo iyo migeto isanzwe ikomeye ishobora no gukoreshwa incuro zitatu zikurikirana ariko rero ngo barabigira kugira ntibatakaze ababagurira.

Nimba rero imigeto yo mu vyuma yarabujijwe mu ntumbero yo gukingira indwara zimwe zimwe,abotsa inyama bari bakwiye kwubaha ikoreshwa incuro imwe ry’imigeto ikozwe mu giti,abantu nabo baja mu bunywero bategerezwa kuba magabo bakama basaba umugeto mushasha uko basavye inyama.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.