Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imbuto zizokoreshwa mu gice ca kabiri c’irima ziriko ziragwizwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Imbuto zizokoreshwa mu gice ca kabiri c’irima ziriko ziragwizwa

Imbuto zizokoreshwa mu gice ca kabiri c’irima ziriko ziragwizwa

mardi 8 Gitugutu 2013

Uko umwaka utashe, ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, bufadikanije n’abasanzwe babufasha, buriko buragwiza imbuto zirobanuye kugira zize zigurishwe ku barimyi ku giciro kitavuna. Ico gikorwa caraheze ku mbuto zizokoreshwa mu gice c’irima ca mbere c’umwaka w’2014 A (Saison culturale 2014 A). Mu misi iri imbere, ubuyobozi bujejwe kurwiza imbuto buriko burakwirikirana ibikorwa vyo kurwiza imbuto zizokora mu gice ca kabiri c’irima (Saison culturale B).

Kubwa Vianney Manirakiza, umuyobozi atwara ikigo kijejwe kurwiza imbuto, abarimyi baramaze kuronka imbuto zizofashe mu gice ca mbere c’umwaka w’irima "2014 A. Ibiterwa birabwa cane no gukoresha imbuto zirobanuye bikaba ari ibiterwa usanga bikunda gufatwa n’indwara zitari nke, kandi mbere usanga abarimyi ubwabo bibagora kuronka imbuto nziza, ugasanga akenshi bakura imbuto muvyo baba bimbuye, bakabika kugira babifungure, aho kenshi ugasanga bifise indwara. Aha twovuga nk’akarorero ibigori, ibiraya hamwe n’igitoke.

Manirakiza amenyesha ko imbuto hamwe n’iyo mivyaro bica bitangwa mu buyobozi bw’intara y’uburimyi n’ubworozi DPAE ( Direction Provinciale de l’Agriculture et de l’Elevage). Ubwo buyobozi buragerageza kurwiza imbuto zirobanuye, ivyo bakabikorera mu bigo canke ku barimyi bamwe bamwe baba bafitaniye amasezerano n’ico kigo. Mu vyimburwa niho abarimyi basanzwe bakura imbuto zirobanuye, ari nazo ziheza zikadandazwa ku barimyi.
Ababa babironse baca nabo babitanga ku bandi barimyi. Intumbero nyamukuru akaba ari iyo gutuma abanyagihugu batari bake baronka imbuto zirobanuye.

Mu mwaka w’irima 2014 B, utwigoro tutari duke twarashizwe ku biterwa mbumbarugo. Ibiterwa njabukamazi bibiri gusa nivyo vyashizwe imbere. Twovuga ikigazi hamwe n’igiterwa bita macadamia, igiterwa ariho kikiza mu gihugu c’Uburundi, ico rero bakazogikoramwo amavuta hamwe n’imiti.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.