Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Dushire imitahe mu burimyi, bwo nkingi y’terambere” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > ’’Dushire imitahe mu burimyi, bwo nkingi y’terambere”

’’Dushire imitahe mu burimyi, bwo nkingi y’terambere”

vendredi 22 Munyonyo 2013

Urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi mu Burundi (FOPABU-Ijwi ry’abarimyi) yifadikanije n’urunani rwiyemeje kurwanya inzara, CCF (Coalition contre la Faim) rwatunganije ikiganiro bise “1ere Table Ronde Sud” gihurikiyemwo amashirahamwe mpuzamakungu y’ababirigi n’ayakorera mu Burundi asanzwe araba igisata c’ibifungurwa ku bijanye n’uburyo bwotangwa mu gisata c’uburimyi n’ubworozi.

Gushira imitahe mu gisata c’uburimyi, biri mu vyemejwe muri iyo nama rukokoma yahuje urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi, ko ariyo nkingi y’iterambere muri ico gisata. Aho hari kuri uyu wa gatanu wa 22 Munyonyo 2013 mu kigo bitiriye “Centre Suedois”.

Mu biganiro muri iyo nama yahuje amashirahamwe atandukanye hari: abashingamateka ba barundi, abashingamateka b’abababirigi, umuyobozi akaba n’uwuserukiye ishirahamwe FIDA mu Burundi, abaje baserukiye amabanki n’ama koperative atandukanye ya hano mu Burundi, abaserukiye abandi mu mashirahamwe y’abarimyi bo mu gihugu c’Uburundi no mu gihugu c’Ububirigi, amashirahamwe asanzwe ashigikiye abarimyi, abari muri CTB (Cooperation Technique Belge), n’abandi banyenicubahiro berwa n’igisata c’uburimyi.

Intumbero y’iyo nama, akaba kwari ukwerekana uruhara ntabanduka rw’amashirahamwe y’abarimyi hamwe n’abasanzwe bakorana nabo mu guteza imbere igisata c’uburimyi mu kwongerereza ubumenyi mu bikorwa no mu buryo kugira barushirizeho guteza imbere ibikorwa bakora. Icivugo c’iyo nama akaba yari: “Dushire imitahe mu burimyi, bwo nkingi y’terambere”.

Odette Kayitesi, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza iyo nama, yamenyesheje ko ari inama igiye kurabira hamwe ibijanye n’uburyo mu gisata c’uburimyi hamwe no gukomeza imigenderanire mpuzamakungu muri ico gisata, kugira igisata c’uburimyi n’ubworozi mu Burundi gishobore gutera imbere.

Ati: “Turizera neza y’uko hamwe igisata c’uburimyi n’ubworozi cotezwa imbere, inzara, n’ubukene bigasezerwa”. Aho hakaba hasabwa inguvu za bose zoshirwa hamwe kuva mu Buraruko gushika mu Bumanuko, haba mu bikorwa canke mu buryo bw’amafaranga.

Umushikiranganji akaba yashimiye amashirahamwe atandukanye, abafashije bose haba mu bikorwa canke mu gutanga uburyo na cane cane nk’ishirahamwe FIDA ibicishije mu migambi yayo, urunani rw’amashirahamwe mu kurwanya inzara, n’ibindi bisata biraba ivy’ibifungurwa.


Bukuru Mariella

Messages

  • Abarundi dukunda ma seminaires ,les bantous en general concretisation izoba iraza,,
    ntimuzosubire gushiramwo am pediem mu ma nama kugire haze abari determines!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.