Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imfashanyo ya FNUAP ku bushikiranganji bw’amagara y’abantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Imfashanyo ya FNUAP ku bushikiranganji bw’amagara y’abantu

Imfashanyo ya FNUAP ku bushikiranganji bw’amagara y’abantu

vendredi 5 Mukakaro 2013

Kuri iyo mfashanyo igizwe n’ibikoresho vyo kwa muganga ingana n’amafaranga y’abanyamerika ibihumbi 933 441, umushikranganji w’amagara y’abantu arashima cane ako gacumu k’ubumwe ishirahamwe FNUAP yabaterereye.

Kubwa muganga Ismaila MBENGUE aserukira FNUAP kandi ari nawe yashikije iyo mfashanyo ubushiranganji bw’amagara y’abantu kw’izina ry’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho irwirirana ry’abantu FNUAP(Fonds des Nations Unies pour la Population), ivyo bikoresho bizofasha gushika ku migambi itatu y’ikimpumbi (Millénaire), ariyo yo kugabanya impfu z’abana, kunagura amagara y’abavyeyi hamwe rero n’ukugwanya ikiza ca Sida.

Ivyo bikoresho rero bikaba bigizwe n’ibikoresho bifasha gutandukanya imvyaro, imiti ihabwa abakorewe ihohoterwa rifatiye ku gitsina hamwe rero n’ibikoresho bizoshirwa mu mavuriro mato mato no mu bitaro biri mu ntara zitandatu FNUAP isanzwe ikoreramwo arizo Ngozi, Ruyigi, Gitega, Makamba, Bubanza na Kayanza.

Mw’ijambo ryashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Muganga Sabine Ntakarutimana, yashimiye cane ishirahamwe FNUAP kuri iyo ngabire kuko izofasha cane mu mugambi wa Leta y’Uburundi wo kugabanya impfu z’abavyeyi bapfa bariko baribaruka hamwe n’iz’abana bapfa bakivuka.

JPEG - 45.5 ko
Umushikiranganji w’amagara y’abantu Muganga Sabine Ntakarutimana

Egide Ndayisenga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.