IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Imibereho y’umwuka w’ubukene niyo ibuza ab’isi gutunga: intahe (...)

Imibereho y’umwuka w’ubukene niyo ibuza ab’isi gutunga: intahe y’uwakize

vendredi 31 Rusama 2013

“Imana yacu ni umutunzi. Yaremye isi irimo ubutunzi, kandi irifuza kutugaragariza ubutunzi n’icyubahiro byayo. Aburahamu n’abandi dusanga muri bibiliya ni yo yabahaye ubutunzi. Ni yo itanga ubutunzi, kandi irifuza kubuha abayo.”

Imihanda yo mw’ijuru igizwe n’inzahabu, Imana ni umukire kandi yaremye byinshi byiza. Ubukene ntabwo bwahesha icyubahiro Imana ariko ubutunzi bushobora kuyihesha icyubahiro.

“Imana iravuga iti: Amazi yuzuremo ibyigenza byinshi cyane bifite ubugingo, kandi inyoni n’ibisiga biguruke mu isanzure ry’ijuru” Itangiriro 1 : 20.

Namaze imyaka myinshi mbaswe n’imyumvire y’ubukene, kandi ntabizi

Amafaranga yose naronka narayaziganya. Bibiliya ivuga ko uziganya birenze urugero yikururira ubukene. Ivyo bisigura ko umuntu aziganya cane agira imviyumviro bimushira mu bukene.

Narashoboraga kumara umusi wose hari ubushuhe bwinshi, sinshobore kuba nokwigurira ico kunywa. Amazi sinayakunda, nabona ko ifanta ariyo yomara inyota canke umutobe ariko nkibwira ko bizimvye, kandi nta n’ubwo nashobora gutanga amafaranga ngo ngure amazi. Umunsi umwe nagiye mu mangazini hari nyuma ya sa sita, hashushe, ngerageza kurondera umutobe wa make, ndabura ngenda ataco nguze.

Imana irashobora kudukiza umwuka w’ubukene, akaduha kuba abantu batanga kandi batunze.

Bintera isoni kuba narabayeho ubuzima mfise ivyiyumviro vy’ubukene. Nari namatanye nawo. Vyarashobora kubaho ko ntanga impano, ariko jewe simbashe kuba nogira ico nigurira. Ndiko ndategura ubukwe bwanje naguze ibintu bashize kuri promotion, canke bagabanije ibiciro. Gutyo nkagura nivyo ntakunda, gusa kubera ko vyagurwa make.

Nta kintu nagura kitari muri promotion, vyarashika n’ikintu ntakeneye nkakigura, kubera uburyo cagabanutse igiciro! Ariko ntibikwiye ko umuntu yoyoberwa ahabera ama promotion, ahubwo tuyoborwe na mutima mweranda. Ibi Imana yabimbwiye umunsi umwe nagenze henshi ndondera ahantu baba bagabanije ibiciro.

Maze kuharonka, napima ikintu cose naba ngira ngure. Ntivyambuza umunezero ariko nta mwidegemvyo wuzuye nari mfise. Igihe naba ndaye muri hoteli, nafata amasabuni n’ibindi baba bampaye vy’ibikoresho, nkabitahana, kandi kenshi sinabikoresha.

Iyo ngiye muri Restaurant, imbere yo kugira ico mfata naraba ica mbere kigurwa make! Hageze gufata ico kunywa ngasanga kirazimvye, ntabwo nagifata kubera ko naba nzi ahandi kigurwa make kuruta aho naba ndi, ngahitamwo kubika amafaranga yanje.

Nabayeho ubwo buzima imyaka itari mike. Namba ndiko ndabaha iyo ntahe, n’uko nkeka ko hari abantu bashobora kuba babayeho nk’uko nari mbayeho, bakaba bacugarijwe n’umwuka w’ubukene.
Ndashaka ko umwe wese yiraba kugira namba uwo mwuka ukibugarije, tubone uko tubohoka. Uwo mwuka utuma abantu bataguka, bagahora nyene ari abakene, ntibabone promotion ku kazi, bagahitamo nabi abo bashaka ko bubakana, muri make uwo mwuka wirabuza ubuzima.

Imana si umukene, kandi ubukene ntibuyishimisha. Imana ntinezerwa no kubona abantu bababazwa n’ubukene. Kugira ivyiyumviro vy’ubukene bishobora kuzitira umugisha wacu. N’ubwo twoba dutanga ica cumi nk’uko nanje nagitangaga, biragoye gutera imbere iyo ugifise mwene ivyo vyiyumviro.

Imigisha y’Imana tuyakira bitewe na kamere kacu, n’imitima yacu uko iba yiteguye. Hari ibikorwa bigaragara ko ari ivy’urukundo, ariko umutima wabikoze utabitewe n’urukundo muvy’ukuri. Iyo rero ata rukundo, biba ari ubusa, Imana rero ntishobora gutanga umugisha hejuru y’imirimo irimwo ubusa.

Uyu munsi iyo mbonye abemera babaho bugarijwen’umwuka w’ubukene, bintera impuhwe bikambabaza, kuko usanga na shetani abikoreramwo akabateza kwiheba. Imana nta kibazo c’amafaranga afise, ahubwo rimwe na rimwe imibereho yacu niyo itubuza kuronka amafaranga.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.