Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imicungwe yoba ifise akamaro akahe ku magara yacu ? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Imicungwe yoba ifise akamaro akahe ku magara yacu ?

Imicungwe yoba ifise akamaro akahe ku magara yacu ?

mardi 9 Mukakaro 2013

Imicungwe ni kimwe mu vyamwa bikundwa cane kw’isi. Ifise ingaburo zitari nke muriyo, na cane cane ingaburo bita « vitamine C » ikingira ivyoza birwanya umubiri.
Muti none ni ngirakamaro mu buryo ubuhe? Imicungwe ifise inkomezi muriyo ivura indwara nyinshi, igakemura n’ibibazo vy’ubuzima bitari bike.

Ku bantu bafise ingorane za hasima, zo kugira umusonga, zo mu maguru, zo guhema, igituntu, bronchite, n’izindi, iyo bafunguye imicungwe, ivyo bibazo birakemuka. Abantu bakarigwa no kwama bashaka kunywa inzoga nabo, ico cipfuzo kigabanurwa no kunywa umutobe w’imicungwe. Kubawunwa hoho iminsi yose, n’ingorane zo mu mazuru ziragabanuka biboneka.

Mu micungwe harimwo ingaburo bita :

• « Beta carotène » ikingira ibigize umubiri kugira ntivyononekare.

• « Calcium » ikingira, igakomeza amagufa n’amenyo

• « Magnesium » ifasha kugira umutima utere neza

• « Acide folique » ituma ubwonko bukora neza

• « Potassium » ifasha ibihimba vyo mu mutima kugira bikore neza

• « Thiamine » ifasha guhindura ibifungurwa tuba twafunguye mu gutanga inguvu

• « Vitamine B6 » ituma imwuka wa oxygene uja mu bihimba vyose vy’umubiri

Ku bantu bafise ingorane yo kugira ibinure vyinshi mu mubiri, abashakashatsi barerekanye ko kunywa ku munsi amamiriritiro 750 y’umutobe w’imicungwe ko vyongerereza cholesterol nziza bita « HDL ». Mu gihe rero iyo cholesterol nziza yongerekanye mu mubiri, impanuka zo gurwara mu gikiriza, nk’umutima canke ingorane zo guhema, biragabanuka bimwe biboneka.

Ikindi ciza c’imicungwe, irashobora gukingira amakanseri yo mu mushishito ari nayo kanseri igira kabiri kw’isi yose, n’amakaseri yo mu muhogo.

Nk’uko biri mu vyigwa bitari bike vyakozwe n’abashakashatsi batandukanye, bivugwa ko gufungura cane ivyamwa harimwo n’imicungwe bigabanya indwara zo mu gikiriza n’ama kanseri, bahanura ko abantu boza barafungura imicungwe ku munsi ku munsi, na cane cane igihe hakanye kuko kenshi iyo hakanywe abantu bagira ingorane z’ibicurane.

Imicungwe isanzwe ifise amazi muriyo agera ku bice 85 kw’ijana, akagira n’isukari muriyo idafise ingaruka mbi ku magara yacu. Umucungwe wonyene ufise ingaburo za nkenerwa umubiri uba ukeneye.

Imicumgwe ifise kandi ivyiza bitari bike vyotuma abantu bayifugura igihe cose. Aho twovuga nk’abantu bafise ingorane yo kwama bagumirwa mu nda, ivyo bafunguye bitabarwa neza, canke babura akayabagu. Bafunguye imicungwe rero, baraheza bakoroherwa mu nda, bagafungura na neza. Ikindi naco, kubama bayifungura, baragira akabiri keza, gakeye.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.