Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Impanuro zitanu zokorwa kugira kanseri ifatira mu mabere igabanuke - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Impanuro zitanu zokorwa kugira kanseri ifatira mu mabere igabanuke

Impanuro zitanu zokorwa kugira kanseri ifatira mu mabere igabanuke

jeudi 3 Gitugutu 2013

Nk’uko vyama bikorwa ku mwaka ku mwaka, ukwezi kwa Gitugutu kwagenewe guhimiriza kwipimisha indwara ya kenseri ifatira mu mabere biciye mu ruganda bitiriye "kanseri yo mu mabere, tuyivuge" Namba uburyo bwo kwipimisha bukiri uburyo bwiza bwo kurwanya iyo ndwara, hariho inyifato zisanzwe hamwe n’isuku abantu bogira kugira ivyotuma iyo ndwara iduga bigabanuka. Ivyo navyo tukabikesha umurongo ngurakanabumenyi www.marichesse.com

1. Kugabanya urugero rw’inzoga umuntu anywa

Icirwa cakozwe muri Leta nzunzubumwe z’Amerika mu kwezi kwa Myandagaro 2013 carerekanye isano riri hagati yo kunywa inzoga n’iduzwa ry’indwara ya kanseri yo mu mabere.
Kubw’ivyavuye mu bushakashatsi bwakozwe na muganga Ying Liu wo mu gisata w’ubuvuzi kuri kaminuza y’i Washington i Missouri, abakenyezi banyoye inzoga imbere y’uko batwara imbanyi zabo za mbere bafise gushobora bidasanzwe kurwara kanseri yo mu mabere, kurusha abazinywa baramaze gutwara imbanyi.
Mu kinyamakuru c’ikigo c’abanyamerika kijejwe kwiga ivy’indwara ya kanseri casohoye ivyo bikorwa, abahinga murivyo, basiguye ko ukwo gushobora kurwara kanseri bishika n’aho umuntu yonywa inzoga iyariyo yose kandi ikaduga bihwanye n’inzo umuntu aba yanyoye.

2. Kugira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS riremeza ko kwinonora imitsi amasaha abiri n’inusu ku ndwi, bikingira gushobora gufatwa n’indwara ya kanseri. Kubwa OMS, igice kimwe kuri bine y’amakenseri y’amara n’amabere birashobora guhagarikwa kubisanzwe no kugira imyimenyerezo igihe cose.

3. Gufungura amavuta ibitagira ibinure vyinshi

Ku bivurwa ko abigeme bakunda gufungura kenshi ibiyoba (beurre de cacahuete) boba badakunze kugira ikivyimba mu mabere, abashakashatsi bo kw’ishuri ry’ubuvuzi ry’i Washington ry’ikigo Dana-Farber kiraba ivy’indwara ya kanseri hamwe n’abo kw’ishuri ry’ubuvuzi kuri kaminuza ya Harvard baravyemeza badakekeranya. Ivyo vyabaye inyuma yo kwiga inyifato ijanye n’ibifungurwa yakozwe mu mwaka w’1996 ku miyabaga ishika 9000 iri hagati y’imyaka 9 na 15.
Mu mwaka w’2005, ku bakenyezi bari hagati y’imyaka 18 na 25, abo bashakashatsi basanze 112 muribo bari bamaze gufatwa n’iyo ndwara. Kubw’abashakashatsi, mu cirwa cerekanwe mu kinyamakuru casohotse Breast Cancera and Treatment, abafungura iminsi yose ibitagira amavuta menshi, barabonye amahirwe yo gusanga indwara ya kanseri igabanuka ku bice 39 kw’ijana.

4. Kwigerera ku biro umuntu yogira

Ivyigwa vyinshi bitari vyakozwe ku bijanye n’indwara ya kanseri vyarerekanye isano riri hagati y’ibiro n’amahirwe yo kurwara indwara ya kanseri yo mu mabere. Kuri ivyo, kurenza ibiro umuntu yategerezwa kugira bihwanye n’uburebure bwiwe n’ubunini burengeje urugero biri mu bituma vyongereza gushobora kurwara kanseri yo mu mabere, mbere bikagabanya n’amahirwe yo kubandanya kubaho, ari naco gituma abaganga basaba abakenyezi gukurikirana uko ibiro vyabo bigenda biraduga, na cane cane igihe bariko barisumbura.

Mw’itohoza ryakozwe mu mwaka w’2011 ryasohotse mu kinyamakuru c’abanyamerika JAMA (Journal of the American Medical Association) ryaremeje ko kwongerekana ibiro 25 guhera ku myaka 18 bifitaniye isano n’iduzwa ryo gushobora gufatwa n’indwara ya kanseri igihe co guca ku bakenyezi (ménopause) rigera ku bice 45 kw’ijana. Nico kimwe n’abakenyezi baduza nk’ibiro 10 canke birenga inyuma yo guca. Bashobora kurwara indwara ya kanseri yo mu mabere ku bice 18 kw’ijana kurusha abagerageza kwirinda kwongereza ibiro.

5. Kwipimisha

Kwitwararika kugira isuku, gufungura ibigereranye kandi bikwiye hamwe no kugira imyimenyerezo biri mu bituma haba igabanuka ryo gushobora gufatwa na kanseri yo mu mabere. Ariko, uko biri kwose uburyo bwiza bwo kwirinda indwara ya kanseri ni ukwipimisha.
Mu gihe indwara ya kanseri yo mu mabere ari kanseri ikunda kwibonekeza cane mu ndwara zikarira abakenyezi kandi ikabica cane, ni kanseri ishobora gukira ku bice 9 kuri 10 mu gihe bayitoye ikiri nto. Ukwipimisha kwateguwe kuri kanseri yo mu mabere, kwakozwe ku bakenyezi bafise imyaka iri hagati y’imyaka 50 na 74, vyatumye bakiza abagera ku 3000 ku mwaka ku mwaka, kuva mu mwaka w’i 2004.

Mwokwibuka ko indwara ya kanseri yo mu mabere ari kanseri ya mbere ihitaha abakenyezi ku mwaka ku mwaka. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, rihamagarira abantu bose kwirinda ivyobatuma barwara indwara ya kanseri no kwama bipimisha kugira bayirinde.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.