Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Impinduka ku vyerekeye itangwa ry’umwavu ku giciro giciriritse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Impinduka ku vyerekeye itangwa ry’umwavu ku giciro giciriritse

Impinduka ku vyerekeye itangwa ry’umwavu ku giciro giciriritse

mardi 4 Ntwarante 2014

Mu mugambi w’igihugu ujejwe gutanga umwavu ku giciro giciriritse bagiye guhindura ingene bahora batanga uwo mwavu ku banyagihugu. Ubu muri uwo mugambi bazotanga umwavu (commande) uzokoreshwa mu bice bibiri vy’irima ica mbere n’ica kabiri, ariko babanje kuraba igihe ciza abanyagihugu baba bafise agafaranga n’umwimbu mwiza.

Umugambi w’igihugu ujejwe gutanga umwavu w’ikizungu ku giciro giciritse mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru basohoye itangazo bamenyesha ko igice ca kabiri co gutanga umwavu w’ikizungu ku banyagihugu ku giciro giciriritse ko caraye gisozerewe. Mu gice ca mbere c’irima (saison culturale 2014 A), batanze umwavu ku banyagihugu , ungana n’amatoni 13196,5. Mu gice ca kabiri c’irima naco batanze umwavu w’ikizungu ungana amatoni 8487,85 muri uwo mwavu, harimwo amakomande angana n’amatoni yasabwe mu mugambi w’igihugu, wo gutanga ifumbire ku giciro giciritse ni 5296,05 amatoni 3191,8 yari yarasigaye mu bubiko bw’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi.

Muri uwo mugambi w’igihugu, bavuga ko bahigiye ibitari bike, mbere ko bagiye guhindura kugira abanyagihugu bawuronke bitagoranye. Mu bice vy’irima biheze basanze igihe co kurihira ko ama avance bagishize mu gihe kitoroshe kuko abavyeyi baba bariko biruka kurungika abana, ku mashure kandi n’umwimbu utari ikirenga. Abarimyi kandi boba bari bagifise umwavu batari bakoresheje mu gice ca mbere c’irima kugutinya, bibaza ko uwo mugambi ushobora guca uhagararira ngaho nyene. Akenshi rero nk’uko bibandanya bivugwa muri iryo tangazo, nta mwanya uhaca hagati y’igice ca mbere c’irima hamwe n’igice ca kabiri.

Muri kazoza rero bategekanya kuza barashira hamwe umwavu uzoba wasabwe mu gice ca mbere c’irima hamwe n’ica kabiri na cane cane umuntu agatora igihe ciza c’umwimbu, kugira igice kinini c’abarimyi nabo bazoze basaba umwavu bazoshobora gukoresha muri vyo bice bibiri, amafaranga nayo akazorihwa mu mwanya ukwiye worohereza abarimyi. Abarimyi rero bazotangura kwiyandikisha muri uku kwezi kwa Ntwarante 2014, amafaranga nayo bakazoyatanga, guhera hagati mu kwezi kwa ntwarante hamwe n’ukwezi kwose kwa Rusama.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.