IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Imyaka 50 iraheze Kaminuza y’Uburundi ivutse : ingorane n’umurengera

Imyaka 50 iraheze Kaminuza y’Uburundi ivutse : ingorane n’umurengera

mardi 21 Gitugutu 2014

Mu gihe kaminuza y’Uburundi iriko irategura guhimbaza imyaka 50 imaze ivutse, bimwe mu bisata biri muri iyo kaminuza bigaragaza ko bigifise ingorane z’abigisha.

Aho ni nko mu gisata ISCO cigisha bimwe ivy’ubutunzi. Umuyobozi w’ico gisata amenyesha ko kugeza ubu bafise ingorane z’abigisha co kimwe na bimwe mu bikoresho. Ivyo yabivuze mu gihe imyaka 50 buca ihimbazwa iyo kaminuza itanguye, hari mu mwaka w’i 1964. Iyo ngorane nk’uko uwo muyobozi w’ico gisata abivuga si iyisanzwe kuko, ituma ubumenyi buguma butituka. No mu bindi bisata, ubukene bw’ibikoresho n’ubw’abigisha biribonekeza cane.

Mukamenya ko iyo myaka 50 izohimbazwa mu gihe iyo kaminuza yugarijwe n’ingorane zidasanzwe. Amayegereyegere y’abigisha n’ay’abanyeshure akaba ar’urutavanako. Ndetse n’ubu abanyeshure bakaba bari muri yegereyegere yo gusaba ko Ubushikiranganji bwa Kaminuza n’Ubushakashatsi bobabwira neza agaciro k’impamyabushobozi bazoronka bahejeje igice ca mbere ca za nyigisho BMD bamaze kwinjiramwo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.