Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyuka icafuye ni intambamyi kugukura kw’uruhinja - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Imyuka icafuye ni intambamyi kugukura kw’uruhinja

Imyuka icafuye ni intambamyi kugukura kw’uruhinja

samedi 22 Ruheshi 2013

Abagore bibungenze bahumeka impwemu zirimwo ubucafu bashobora kuvyara abana bafise ingorane yo gukura. Ingorane bita “autisme”. Ivyo bikaba bimenyeshwa n’icirwa c’abashakashatsi mu vy’ubuvuzi bo kuri kaminuza ya Havard.

Abo bashakashatsi bakoze ico cirwa muri Leta Zunzubumwe z’Amerika kuva 1989 ku bagore bibungenze 116 430. Abagera ku 325 bakaba bibarutse abana bafise ingorane yo gukura mu gihe abandi 22 000 bibarutse abana badafise iyo ngorane. Bafatiye ku rugero bw’ubucafu buri mu mpwemu zaho abo bagore baba bakanahibarukira, basanze abagore baba ahari umuyaga urimwo ubumara buturutse ku gitoro c’amazutu no k’ubumara bwa “plomb”, “manganèse” canke “mercure” bibarutse abana bafise ingorane zo gukura gusumba ababa aho umuyaga ucafuye kurugero ruto.

Abo bashakashatsi bamenyesha ko bazobandanya ubushakashatsi bwabo kugira berekane neza ko uguhumeka imyuka irimwo ubucafu arico gituma abavyeyi bibungenze bavyara abana bafise ingorane yo gukura(“autisme”). Kuko, nkuko babimenyesha, ivyirwa vyakozwe ku bikoko vyo biremeza neza ko iryo sano ariryo.


Luc-Noël INGABIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.