Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama ya EAFF : « Kugira ubwigenge muvy’uburimyi muri Afrika y’ubuseruko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Inama ya EAFF : « Kugira ubwigenge muvy’uburimyi muri Afrika y’ubuseruko (...)

Inama ya EAFF : « Kugira ubwigenge muvy’uburimyi muri Afrika y’ubuseruko »

lundi 5 Myandagaro 2013

Inama rukokoma igira gatatu ihuza amashirahamwe y’abarimyi bo mu karere k’ibihugu biri muri Afrika y’ubuseruko yama iba ku mwaka mwaka kugira barabe ivyakozwe mu mwaka no gutegura ibizokorwa mu mwaka ukurikira, yatunganijwe uno munsi, igenekerezo rya 5 Myandagaro 2013, hano mu gisagara ca Bujumbura.

Iyo nama ikaba yari yitabwe n’abenyenicubahiro batandukanye bo ngaha mu gihugu, harimwo n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, uwuserukira ubumwe bwa Afrika, n’abaje baserukira amashirahamwe araba ivy’uburimyi bo mu bihugu biri mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Ibikorwa y’iyo nama rukokoma y’abarimyi bo muri Afrika y’ubuseruko (EAFF :Easten Africa Farmers Federation), vyatunganijwe ku civugo : « kugira ubwingenge muvy’ubutunzi ku bijanye n’uburimyi n’ubworozi muri Afrika y’ubuseruko ». EAFF ikaba igizwe n’ibihugu 10 (Uburundi, Urwanda, Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Tanzaniya, Kenya, Ubuganda, Soudani y’amaja epfo, Djibouti na Eritreya).

Mw’ijambo ry’iwe ryo kwugurura ivyo birori, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevazi Rufyikiri, yamenyesheje ko Leta yashize imbere ikibazo kijanye n’uburimyi kugira bigire hamwe ivyokorwa kugira ico gisata gitere imbere na cane cane kwongerereza ubumenyi abarimyi kugira barushirizeho kwongerereza umwimbu no kubasha gutunga imiryango yabo. Ikindi naco, Leta yiyemeje gukorana n’abikorera utwabo ku bijanye n’ama cooperative araba ivy’uburimyi kugira bashobore guteza imbere igisata c’uburimyi hano mu Burundi.

Kubwa Odette Kayitesi, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, kubura ingurane zo kwiyungunganya, ubumenyi buke ku bijanye n’indimo, abafundi b’indimo batamenya uburyo bwo kurima bugezweho n’ivyo bibangamiye cane ico gisata hano mu Burundi. Iyi nama ikaba ije ifise intumbero yo kurabira hamwe ivyokorwa kugira bateze imbere igisata c’uburimyi mu bihugu bigize EAFF, bongere batore n’abazoserukira muri kano karere ka Afrika y’ubuseruko, igisata c’uburimyi. Odetta Kayitesi yahumurije abibaza ko ingorane zihanze ico gisata zizohava zidatorerwa inyishu kuko Leta yamaze gufata mu minwe ikibazo kijanye n’uburimyi hano mu Burundi, kuko ahanini ico gisata arico cinjiza cane mu bijanye n’ubutunzi.

Matthias Miburo, umuyobozi w’ihuririro ry’amashirahamwe y’abarimyi birimizi baharanira iterambere, CAPAD, mw’ijambo ryiwe, yamenyesheje ko ibikorwa vy’inama rukokoma ya gatatu yatunganijwe hano mu Burundi mu gihe kw’isi yose bariko baritegurira guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe uburimyi mu muryango, mu mwaka w’i 2014.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.