Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indongozi mw’idini rya isilamu ntizihuza ku ngingo yo kurwanya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Indongozi mw’idini rya isilamu ntizihuza ku ngingo yo kurwanya (...)

Indongozi mw’idini rya isilamu ntizihuza ku ngingo yo kurwanya guharika

vendredi 30 Myandagaro 2013

Abarongoye idini rya islam mu ntara ya Muyinga baheruka gufata ingingo haraheze ukwezi, yo kudaha impapuro z’ubugeni umugabo afise abagore babiri n’abarenga. Muri rusangi iyo ngingo mu mashirahamwe y’abakenyezi muri iyo ntara barayishimye, ariko mu ndongozi za isilamu ku rwego rw’igihugu barayinegura, bakavuga ko itubahiriza ivyanditse mu korowani.

Niyongabo Salum aserukira umuryango w’abayisiramu mu ntara ya Muyinga yafashe ingingo ko ata mugabo wo muri iryo dini arongoye umugore wa kabiri canke arenga, yoronswa impapuro z’ubugeni. Iyo ngingo igifatwa, amashirahamwe y’abakenyezi yamenyesheje ko ari ngirakamaro kuko bahora baharikwa. Na buramatari w’intara ya Muyinga Ildephonse Ntawunkunda yarashimye iyo ngingo, mu gihe n’amategeko y’igihugu atarekura kugira abagore barenze umwe.

Ariko rero, ku ruhande rw’abarongoye idini rya isilamu ku rwego rw’igihugu, iyo ngingo bavuga ko idahuye n’ivyanditse mu gitabu c’ikorowani bayamirira kure. Cheikh Sadiki Kajandi, aserukira imbere y’amategeko umuryango "COMIBU (communauté Islamique du Burundi) amenyesha ko ata muntu n’umwe, ico yoba ari cose, afise uburenganzira bwo gihindura ivyo "Imana yatangiye uruhusha". Mu gihe abasenga bose bafise ibitabu vyeranda bakuramwo inyifato ngenderwako, Cheikh Sadiki Kajandi amenyesha ko mu gitabu c’ikorowani, ari naco abiyisiramu bita ceranda, Imana ibarekurira kwabira abagore benshi, ariko hakaba hari ibibanza gusabwa, nk’ukuba ufise uburyo bwo kubatunga bose ku rugero rumwe, kutagira nkunzi, kuba ufise ubukomezi bwo kubahimbara bose, n’ibindi. Kubwiwe rero, ubwo burenganzira nta n’umwe afise ubushobozi bwo kububuza.

JPEG - 60.7 ko
Cheikh Sadiki Kajandi, aserukira imbere y’amategeko umuryango "COMIBU

Cheikh Sadiki Kajandi amenyesha ko ibiriko birakorwa na Niyongabo Salum arongoye umuryango w’abayisilamu mu ntara ya Muyinga ari ku gatwe kiwe, kuko atahanuje urwego nyobozi rw’idini rya isilamu ku rwego rw’igihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • None kuberiki badahuza bitwa ngobarasenga none boba basenga imana yukuri kuberiki ? Inyishu

  • None kuberiki badahuza bitwa ngobarasenga none boba basenga imana yukuri kuberiki ? Inyishu

  • Sinumva ingene umuntu ashobora kuvuga ivyo Kajandi avuze, akaguma yidegemvya mu gihugu kirangwa n’amategeko. Ukwo ni ukugumura abanyagihugu kandi hariho amategeko abuza guharika.Mbe nka nyina amwumvise ariko aravuga ko ashigikiye guharika amwibaza ko iki? Jewe, ndi umugore wiwe norara ndamwitwariye.

  • kajandi kwiryo jambo washikirije jazakallahukhayira.imana ikwongere kurinda.IMANA ntivuguruzwa n,umwe.

  • mbe kwashigikira guharika ahubwo Niyongabo Salum tumusabira ku Mana imuhezagire kandi Imurinde abansi bamaramare,uyo nawe kajandi tukwifurij kuvyara abakobwa benshi hama baze baharikwe wumve ingen biryoshe,iyaba waruzi abana babaye ibidoma kubera kugira abavyeyi bimbunuza bishinga guharika ataco babaziganiriza muri kazoza aho uja ngaho ugashigikira ivyo bigabo vyibitabanga,vyabuze iyo bija kugwa ngo biriko bivyarira ibarabara bitera ubukene na gatwengo ku gihugu

  • Jewe Nkumu Isilam Mutoya Mbona Ko Iyo Ndongozi Yimuyinga Mwidini Rya Isilamu Yanyuranye Nivyanditswe Ahubwo Yarakwiye Gusubirizwa Kuko Nabafise Ibindi Bitabo Vyeranda Atari Korowani Barazi Ko Atakuvuguruza Icanditswe Mugitabo Ceranda Kubwanje Bokwirikiza Amategeko Ariko Bakaraba Uwushaka Kuzana Uwundi Mugore Igihe Amaze Mwidini Atari Bamwe Baza Mwindi Kugira Aronke Uko Aharika Murakoze

  • Asalam Alaikum W W.
    Walahi Mwebwe Muduserukira Imberekugwego Rwihugu Nimwige Iko Kibazo.
    Rassuralahi S A Yadusigiye Iki? Yadusigiye Korawani Na Sunat Ziwe Ariko Igihe Hoza Uwutubuza Gushiramungiro Ibiri Muri Korowani Mberewanashaka Birino Mwi Sunat Ziwe Urumva Nikibazo?
    Kajandi Ndakurahiye Ndumwisilam Muto Mwidini Rya Islam Ibi Bintu Birakura Ubu Nokumusi Wikiya Niwaba Usali Ukaba Rindongozi Zaba Islam Hagurukira Icokibazo Cinjiye Mumyemerere Yacu.
    Nayo Salum Wa Muyinga Ntaco Ndamubwiye Allah Na Rassurallah Nabasuzuguze Azobibona Kuwusi Wikiyama.
    Ivyo Vyarishitse Somali Nahandi.
    Kajandi Ushigikiye Kutazana Abagore Umu Islam Ashoboye Uzoraba Ibizokurikira.
    Asalam Alaikum W W.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.