Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara ikunda kubangamira abana bato baconka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara ikunda kubangamira abana bato baconka

Indwara ikunda kubangamira abana bato baconka

dimanche 6 Gitugutu 2013

Abana bakunze gukarirwa n’uturwara twinshi, tunatuma abenshi baba ba magonyagi.
Ukurabirana ni bimwe mu bikunda gukarira abana bato baconka. Ibimenyetso vyerekana ko umwana yagize iyo ngorane n’aho bidashoka vyibonekeza ubwo nyene, hariho ugukanura nk’uwutagira utuguvu, amaso akaregera canke bikibonekeza mu maguru no mu maboko. Akenshi iyo umwana ameze nk’uwutaye ubwenge, bikurikirana no kuja mu bitaro kuko usanga vyamusinzikaje.

Kubw’abaganga bavura abana bato, iyo umuntu atakurikiranye ingene ibimenyetso vy’uko kurabirana vyagiye biribonekeza, ivurwa ryabo ntiryoroha. Bica bisaba ko abaganga begera abavyeyi b’abo bana, kugira babaze ivyo umwana yiriwemwo, ivyo yakoze, n’ingene ibimenyetso vyagiye birakurikirana imbere y’uko arabirana. Baraba ko yoba yihekenye ururimi canke yagize ifuro ryinshi ry’amate. Ivyo bigaca bituma umuganga amenya ingene amuvura.

Kubw’amakuru dukesha ikinyamakuru "Le Renouveau" mu kiganiro bagiriraniye na muganga araba indwara z’abana, Piyo Nibirangeje, ukurabirana ku bana bato ni ibintu bikunda gushika giturumbuka, indwara iva mu bwonko. Intanduro y’ukurabirana ku bana bakivuka zikaba zitandukanye. Hari ukuraba biba bivuye ku mucanwa, aho umwana ashuha akagira umucanwa mwinshi umubiri wose, agapfunapfuna, akagira ibimenyetso nk’ivyuwafashwe na marariya.

Hari n’ukundi kuraba biba bitavuye ku mucanwa, ariko vyavuye ku miti myinshi y’ukumeneka umutwe aba yanyoye. Muri ico gihe, iyo umwana yarengeje urugezo yategerezwa gufata, ica imuhenda, bikavamwo no guta ubwenge muri ako kanya. Umwana ashobora kuraba kandi iyo bamucukije giturumbuka batamuteguje kare mukuza baramuha ibimukura kw’ibere we nyene. Iyindi ntanduruko kandi ishobora gutuma umwana aza ararabirana, bishobora kuba bivuye ku ndwara y’intandara aba asanzwe afise.

Ingorane ishobora kuba ku bana bakunda kurabirana, n’uko ashobora kuraba akamara umwanya muremure ataragarukana ubwenge nk’iminota ishika kuri 30.
Kugira bavure abana barabiranye, bisaba ko hihwezwa ibimebyetso vyose vyibonekeje imbere y’uko baraba. Muri ukwo kuvura, umuganga apima ko urugezo rw’isukari rutagabanutse mu mubiri, ukungene umukoyo w’umwana usa, n’amara ukungene akora.

Kugira bafashe uwo mwana, ica mbere n’uko iyo aravye boca bamwitwararika muri ako kanya nyene, bakamukura impuza yari yambaye, bakamuha akayaga kugira impwemu zisohoke neza.


Mariella Bukuru

Messages

  • Jewe hari umwana rimwe narimwe akunze kugira ibimenyetso bimwe muvyo numvise mwivyo, amaze kwikubita hasi incuro nka zine mumwaka. atangura kuvuza urwamo ubwo nyene ukaja ubona yikubise hasi ari hasi urabona ko ubwenge bwahise ukabona yarerembuje amaso akazana ifuro ryamate mukanwa ukabona ko ari magoyagi ataruguvu! afise hari igihe vyamushikiye twaja mumasengesho hari haciye nkamezi ane bidasubiye kuba. ariko haciye nka 10min agaca akira none iyo nindwara nki?

  • Umwanawanjearakundakurabakeshiugasangaumutimawirukacaneumwanagacarabaiyondamutwayekwamugangabakankakunyakirakeshibakantukangonagonvyekurarakubitandavyabonokumuvurantibamuvurenagombamungireinama

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.