Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara ruhonyabitoke yashwaye intara zitandukanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Indwara ruhonyabitoke yashwaye intara zitandukanye

Indwara ruhonyabitoke yashwaye intara zitandukanye

jeudi 17 Mukakaro 2014

Mu matohoza yagizwe, intara zibiri gusa arizo Kirundo na Mwaro nizo zitafashwe n’indwara ruhonyabitoke, mu gihe izindi iyo yamaze kuzishwaramwo.

Imvo zituma iyo ndwara ruhonyabitoke nayo iguma igwira mu kuva mu ntara ija mu yindi, Celestin Niyongere umuhinga mukigo c’ubushakashatsi ku burimyi ISABU asanzwe yarananonosoye ibijanye n’igiterwa c’igitoke, avuga ko guhanana hana imivyaro y’igitoke vyabaye nk’imigenzo mu barimyi b’abarundi, biri mu bituma iyo ndwara irwirwa rwose, ndetse ikava mu natara ija mu yindi.

Uwo muhinga akaba atanga akarorero ko muri komine ya Bisoro mu ntara ya Mwaro, aho bigaragara ko iyo ndwara ruhonyabitoke yamaze kuhashika, bakaba bayibonye ku bitoke vyo mu bwoko bwa kayinja bakunda kwita “ mugomozi”. Avuga ko ubwoko bwa kayinja bukarirwa cane n’iyo ndwara, nayo ivuye kuri mugomozi igaca itandukira ubundi bwoko bw’ibitoke. Iyo ndwara irandukira iva ku bitoke ija ku bindi kubera ibikoko biguruka, na cane cane ibidaha ku mashurwe yavyo nk’inyoni, inzuki, isazi n’ibindi.

Uwo muhinga amenyesha ko urukiza rw’ibitoke mu Burundi ruri mu mugambi w’amatuta yavyo yamaho, aho abarimyi bakeneye imivyaro y’ibitoke itagira indwara, gutyo n’indwara zibibangamira zikaba zoca zituzwa, uwo mugambi ukaba woshirwaho, na Reta.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.