Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara y’amafyigo ihitana benshi kandi batayizi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara y’amafyigo ihitana benshi kandi batayizi

Indwara y’amafyigo ihitana benshi kandi batayizi

mardi 8 Gitugutu 2013

Mu gihe bizwi ko indwara y’amafyigo ari indwara yica cane yihoreye, kukaba nkako n’ababa bayirwaye benshi batanabimenya, ikinyamakuru IGIHE kikaba cashimye kubaganirira kuvyerekeye iyo ndwara. Ibigiye kuvugwa bikaba bijanye no kumenya iyo ndwara iyo ariyo, ikiyitera, ibijanye n’ibimenyetso vyayo, abakarirwa kurusha abandi n’ukungene abantu boyirinda.

Muganga Ruberinrwari Firmin asanzwe araba indwara z’amafyigo "Les maladies rénales", mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE mu gatondo kuri uyu wa kabiri, yasiguye ivyerekeye indwara y’amafyigo, benshi bita "Insufisance Rénale" Ni indwara ifata amafyigo ku buryo ataba agikwije ubushobozi bwo gukora akazi kayo.
Igikorwa naco c’amafyigo mu mubiri w’umuntu, akaba ari kuyungurura amaraso, agasohora ubucafu bwose bwoba bwinjiye mu maraso, gusohora ivyo bita mu gifaransa ama "toxine", mu gihe umuntu yanyoye nk’imiti hama ntimutembe neza.

Amafyigo atuma kandi umuntu agumana amazi n’ivyunyunyu mu mubiri (homeistasie) yategerezwa kugira, atuma kandi umutima utera uko wategerezwa gutera, bigafasha ko umuvuduko w’umutima (tension artérielle) iguma ari nziza, ntiheze iduge canke imanuke uko ishaka, eka mbere amafyigo aranatuma ivyunyunyu mu mubiri biguma ku giharuro kimwe, nivyo bita ama hormonne (igihimba gikora amaraso meza) akora uko yategerezwa gukora.

Indwara y’amafyigo iri mu bwoko bubiri : indwara y’amafyigo yica giturumbuka, ariyo "insuffisance rénale aigui", n’indwara y’amafyigo umuntu agendana igihe kirekire bita "insuffisance rénale chronique".

Bimwe mu bitera indwara y’amafyigo yica ningoga, ni : gutakaza amazi kw’umubiri bituma umurindi w’amaraso udakora neza, kugira amaraso make mu mubiri, gucibwamwo kwa cane (canke indwara ya malariya imaze umwanya munini cane), ivyo bita calcul rénal (aho utubuye tuja kuzibira imikoyo mugasaho kabika umwanda muto (vaissie), iyo igihimba "Prostate" cabaye kinini (bivuye ku ndwara ya kanseri) kigaca kija kuzibira aho umwanda muto uca. Abagabo akaba aribo babangamirwa cane.

Bimwe mu bitera naho indwara y’amafyigo umuntu agendana igihe kirekire ni : indwara y’igisukari umuntu aba afise n’indwara y’ivumbuka ry’amaraso. Iyo biduze, n’iyo ndwara y’amafyigo nayo nyene iraduga. Kubwa muganga Firmin Ruberintwari, mu Burundi, hagati y’ibice 70 na 80 kw’ijana y’abaza kuyivuza biba bivuye kuri izo ndwara abantu baba basanzwe bagendana.

Ibimenyetso vy’iyo bikaba bidashoka vyibonekeza kuko ifata mu buryo bwinyegeje, uwudaciye anyarukira kwa muganga iranamuhitana kuko ata kimenyetso na kimwe yerekana ari nayo yica giturumbuka. Ariko bimwe mu bishobora gutuma umuntu yonyarukira kuyipimisha, muganga Ruberinrwari avuga ko ari mu gihe umurwayi yumva ko atanguye guhema nabi, gukarirwa n’isevu ryinshi, kubura akayabagu, gucika intege canke kubura amaraso (Anémie). Ivyo bimenyetso vyose bikaba vyerekana ko indwara iba yatanguye kuduga.

Ku bivurwa ko indwara y’amafyigo iterwa no kutanywa amazi menshi, muganga Firmin arabeshuza akavuga ko ivyo ari ukwihenda kuko atavyirwa biragirwako kuri iyo ndwara vyemeza ko kutanywa amazi vyoba bitera indwara y’amafyigo.
Mu bushakashatsi bwakozwe kw’isi yose no mu Burundi, vyagaragaye ko abagabo aribo babangamirwa cane n’iyo ndwara kubw’inzoga nyinshi banywa batigerera, no kutitondera urugezo rw’ivyo bafungura.

N’aho indwara y’amafyigo ari indwara ikira iyo ibonetse ningoga, mu Burundi haracariho ingorane nini y’ibikoresho vyo kuyivura na cane cane ko niyo hagize uwuyirwara barinda kumurungika mu gihugu kibanyi c’Urwanda canke bakamurungika mu mahanga, kugira bamugirire ivyo bita mu gifaransa "Dialise". Aho umurwayi bamusubiriza ifyigo ryononekaye n’irindi risa naryo (Artificiel).

Muganga Ruberintwari Firmin agasaba abantu bose kwama bipimisha igihe cose inyuma y’amezi atandatu, kugira barabe uko amagara yabo yifashe, na rirya vyamenyekanye ko indwara y’amafyigo umuntu agendana igihe kirekire ibimenyetso vyayo bitibonekeza.

Mwokwibuka ko indwara y’amafyigo ari indwara isinzikaza ningoga, mbere ko inica giturumbuka, ikaba imaze n’iminsi yiha inkumbi mu kwica abatari bake mu Burundi.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.