Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara y’ibigoga twoyivura gute? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara y’ibigoga twoyivura gute?

Indwara y’ibigoga twoyivura gute?

lundi 25 Myandagaro 2014

Ko hari ubwoko bukuru bubiri bw’ibigoga, umuntu yomenya gute ubwo arwaye? Mbega yofata imiti iyahe?

Umwigisha mu bijanye n’amagara y’abantu, Emile Reyt, avuga ko ibigoga ari indwara yo kuvugwa ata kurindira. Ivuwe neza nta zindi ngorane itera, n’ico gituma bikenewe ko uwuyigwaye aja kwa munga kugira amenye ko ari ibigoga biva ku mugera (angine virale) canke biva ku gakoko (angine bactérienne) agaheza agafata imiti ibivura.

Emile Reyt avuga ko bigoye kumenya ubwoko bw’ibigoga umuntu agwaye, kuko ubwo bwoko bubiri bwerekana ibimenyetso bimwe : ubushuhe, kubabara mu muhogo, ukugira utuvyimba amaja kw’izosi (les ganglions), n’ibindi. Abana bari munsi y’imyaka 3 bafatwa kenshi n’ibigoga biva ku mugera (angine virale), kurenza iyo myaka bikenerwa kuja gupimisha kwa muganga bakaraba ivyariyo.

Mu bindi bihugu hariho igipimo bita TDR (Test de Diagnostic Rapide) cerekana mu mwanya muto (mu minota 7 canke 8) ko ari ibigoga biterwa n’umugera canke n’agakoko. Mu Burundi ubwo buryo ntabuhari, ariko hakaba hari ubundi buryo bukoreshwa mu gupima iyo ndwara.

Iyo ibipimo vyerekana ko umuntu agwaye ibigoga biva ku mugera (angine virale), Emile Reyt avuga ko imiti ikaze bita "Antibiotiques" idakenewe, umuntu yofata imiti iheza ubushuhe n’ububabare nka Paracétamol n’iyindi.

Ariko iyo batoye ko umuntu agwaye ibigoga biva ku gakoko (angine bactérienne), Emile Reyt ashimikira cane ko uwugwaye ategerezwa gufata imiti ikaze (antibiotiques) nka Amoxicilline, kandi ko ategerezwa gufata neza iyo miti gushika ihere naho yobona asa n’uwakize imiti itarahera, atari uko iyo ndwara ica ikara, bigatuma iyo miti ikaze idashobora kuyivura.

Ibigoga biva ku gakoko (angine bactérienne) iyo bitavuwe neza bishobora gutera izindi ndwara zikomeye cane, nk’indwara ifatira mu ngingo bita "Rhumatisme articulaire", canke igatera indwara y’agakomere kaza mu muhogo bita "Phlegmon de l’amygdale’’.


Nadège Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.