Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara y’igisukari igira gatatu mu zisinzikaje abantu mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara y’igisukari igira gatatu mu zisinzikaje abantu mu Burundi

Indwara y’igisukari igira gatatu mu zisinzikaje abantu mu Burundi

jeudi 14 Munyonyo 2013

Indwara y’igisukari n’indwara igira gatatu mu gusunzikaza abantu hano mu Burundi inyuma y’indwara ya marariya n’umugera wa SIDA. Ivyo bikaba biri uko kuri uyu munsi mpuzamakungu wahariwe ukurwanya iyo ndwara y’igisukari.

Uko umwaka utashe igenekerezo rya 14 Munyonyo, kw’isi yose harahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara y’igisukari. Igihugu c’Uburundi naco nyene kikaba cifadikanije n’amakungu mu guhibaza uwo munsi.

JPEG - 8.8 ko
Muganga Sabine Ntakarutimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA

Mw’itangazo yasohoye kuri uyu wa gatatu wa 13 Munyonyo 2013, umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, Sabine Ntakarutimana, yamenyesheje ko indwara y’igisukari iri mu ndwara zisinzikaje abantu mu gihugu. Ivyo akaba yabivuze afatiye ku vyirwa vyakozwe ahatndukanye mu Burundi Abatari bake bakaba bari mu bitaro. Karorero, nko ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled mu Kamenge, indwara y’igisukari(diabète) igira gatatu mu gusinzikaza abantu.

Mu 2012, mu ntara zitatu : Bujumbura, Bubanza na Gitega ; harabaye isekeza ryo kwipimisha indwara y’igisukari. Iryo sekeza rerekanye ko ibice 7,7 kw’100 vy’abaje kwipimisha bafise iyo ndwara y’igisukari. Mu nzego z’igihugu, nko mu nama nkenguzamateka, mu nama nshingamateka, mu biro vy’umukuru w’igihugu hamwe no mu biro vy’ivyegera vyiwe, ibitigiri vy’abafise indwara y’igisukari bikaba vyari ku bice 8,4 kwi 100.

Mu mwaka 2011, muri komine Mugina na Rugombo zo mu ntara ya Cibitoke, ibiharuro vyangana ibice 7,4 kwi 100. Mu mwaka w’ 2010 naho, mu ntara ya Ngozi ibitigiri c’abafise indwara y’igisukari, vyari ku bice 12 kwi 100.

Nkuko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwibutsa, bimwe mu bitera indwara y’igisukari, hari ukudafungura ubwoko bwose bw’ibifungura canke ugufungura mu buryo butaribwo. Hariho na none, ukutagira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi, ukuguma ataco uriko urakora hamwe no kugira ibiro birenze ivyo umuntu yategerezwa kugira.

Indwara y’igisukari, n’indwara ifise ingaruka mbi zitari nke. Iyo ibandanije iduga mu mubiri, ishobora gutera indwara y’uruhumyi, indwara z’umutima, indwara zo mu mutwe, indwara zo mu mafyigo, n’izindi. Birashika mbere naho biba ngombwa ko ibihimba vy’umubiri bcibwa biturutse kuri iyo ndwara.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA atera akamo asaba abantu bose kwama bari hange mu kurinda amagara y’abo.,Ku bafise indwara y’igisukari nabo, bakirinda ko yobandanya iduga.

Mwomenyako uwo umunsi mpuzamakungu wahariwe ukurwanya indwara y’igisukari watanguye guhimbazwa kw’isi kuva mu mwaka w’1991.


BUKURU Mariella

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.