Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara y’igisukari ikwiye guhagurukirwa mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara y’igisukari ikwiye guhagurukirwa mu Burundi

Indwara y’igisukari ikwiye guhagurukirwa mu Burundi

lundi 3 Ruheshi 2013

Indwara y’igisukari ni imwe mu ndwara ziraje ishinga igihugu cacu ariko uburyo ntibukwiye kugira irwanwe bivuye inyuma.

Kubwa muganga Frédéric Nsabiyumva ajejwe ikigo co kurwanya ingwara y’igisukari mu Burundi yamenyesha ko iyo ngwara iguma yongerekana agashima na politike yo kuyirwanya ariko ko uburyo Leta ikoresha ari buke cane kuri ico gikorwa co kurwanya iyo ngwara y’igisukari.

Mu gihe bamwe bavuga ko ari indwara afata abatunzi, twobamenyesha ko iza yaramaze gushika mu gihugu hagati mu banyagihugu batobato. Abo nabo baraheza bakagira ingorane kuko imiti izimvye, kandi bisaba ko bagira urutonde muvyo gufungura nk’ivyamwa, imboga n’ibindi.

Ivyigwa biheruka gukorwa mu ntara ya Ngozi vyerekana ko ibice 12,5 kw’ijana bagendana iyo ngwara, mu ntara ya Cibitoke na Bujumbura, mu burengero naho ku bantu ibihumbi cumi na bitanu bipimishije hafi ica gatatu cabo bagendana iyo ndwara.
Ibitigiri vy’abayirwara bikaba biguma vyiyongera yaba mu gisagara canke mu gihugu hagati.

Umuntu wese yarakwiye kwipimisha iyo ndwara kugira amenye uko amagara yiwe yifashe n’uko yoheza akigenza asanze ayigendana.


Dorine Irambona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.