Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara y’imibembe yoba ari umuvumo nk’uko bivugwa? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara y’imibembe yoba ari umuvumo nk’uko bivugwa?

Indwara y’imibembe yoba ari umuvumo nk’uko bivugwa?

mardi 18 Ruhuhuma 2014

Aho hambere hahise, indwara y’imibembe yari ikimenyetso c’igihano kivuye ku Mana, bizera ico gihe kuri uwo wese yaba yakoze ibibujwe n’amategeko yahawe gukurikiza. Kuri uwo wese yaba yatewe n’imibembe yaca atabwa urunuka, akaba ruhebwa no mu muryango iwe. Kubw’iyo ndwara, nta n’umuntu yashobora guca aho umunyamibembe yaciye, yaca yigizwa kure y’igisagara ntasubire no kwibukwa.

Indwara y’imibembe ikaba isagaje mu migabane yose y’isi na cane cane mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere. Mu bushakashatsi bwakozwe, abahinga b’abaganga baragerage kwiga ibijanye n’iyo ndwara kugira barabe umuzanano wayo n’ikiyitera. Basanze yatanguriye mu mugabane wa Aziya, abakurambere baho bakavuga ko indwara y’imibembe, yatanguye kwibonekeza hagati y’imyaka 1800 n’ 1300 imbere yuko Yezu kristu aza kw’isi.

Gushika n’ubu, imebembe n’indwara itazwi cane, ku buryo ifata n’uburyo boyikingira. N’ubwo habaye amatohoza ku bijanye nayo, abashakashatsi baremeza ko ari indwara itazwi umwaka nyawo yatanguriyeko, kuko n’umuntu wa mbere kw’isi yatanguye kuyirwara batazi icayimuteye, naho basanze ari indwara yandukira. Kubemera igitabo ca Bibiriya, bavuga ko indwara y’imibembe ari ikimenyetso c’ibicumuro, n’ukuvuga ko uwuyise aho hambere vyasigura ko yaba yakoze ibidahuye n’amabwirizwa narirya ko n’uwurayirwaye yarinda apfa atayikize.

Kubemera ubushakashatsi bwa none, bavuga ko ari indwara mu zindi, ishobora kuvurwa kandi igakira mu gihe ivuwe kare. Mu gisata c’ubuvuzi, bavuga ko imibembe ari imwe mu ndwara z’abantu zifatira ku rukoba, iterwa n’imigera biciye mu miyaga. Ni ukuvuga ko, ari ndwara yandukira igaterwa n’umugera bise “ Mycrobacterium leprae”. Indwara y’imibembe ikunze kwibonekeza cane mu bihugu bikenye, mbere na hano mu gihugu c’Uburundi ikaba imaze kwibonekeza.

Kubacemera imigenzo ya kera, bavuga ko imibembe yoba ari umuvumo canke icago cateye mu muryango. Muganga Thadee Ndikumana, asanzwe ari mu mugambi w’igihugu wishinze kurwanya indwara y’igituntu n’imibembe avuga ko, imibembe atari umuvumo canke icago, ariko ko ari indwara ivurwa kandi ikira mu gihe ivuwe kare. Nk’uko vyatowe mu bushakshatsi, indwara y’imibembe n’indwara yandukira biciye mu miyaga. Abayirwawe canke abibonyeko ibimenyetso vya mbere biyiranga, basabwe kunyarukira kwa muganga kugira baronswe imiti n’impanuro vyo kuyikingira.

Mwokwibuka indwara y’imibembe ari indwara isinzikaza cane ibihimba bimwe bimwe nk’amaso, amaboko, amaguru n’ibindi. Kubamaze kuyandura naho, ntibiborohera mu kibano cabo, kuko ata muntu aba agishora kubaha n’ikaze ku bw’umunuko baba bafise.


Mariella Bukuru

Messages

  • Mu Gihe Umuntu Amenyekanye Ko Agwaye Indwara Y’imibembe Atawusubira Kumuha Ikaze Iwe De Plus Iyo ndwara Yandukira Biciye Mu Muyaga!Kubwanje Rero Ndabona Bikenewe Ko Abayigwaye Boronswa Ikigo Bakurikiranirwamwo Bagasubizwa Mu Miryango Yabo Barakize.Gutwo Kwanduza Abandi Vyogabanuka!! Ai-je Raison?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.