Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Indwara ya Miyopi irakosorwa ntivurwa" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > "Indwara ya Miyopi irakosorwa ntivurwa"

"Indwara ya Miyopi irakosorwa ntivurwa"

lundi 28 Gitugutu 2013

Amaso, ni igihimba c’umubiri coroshe kurwara ni ngonga mu gihe kidakingiwe neza. Indwara ya « miyopi» akaba ari imwe mu ndwara zikarira cane amaso. Ivyo haba ku bana canke abakuze. None iyo ndwara iteye ite? Ifata umuntu gute? Ikosorwa gute? Ivyo ni bimwe mu bibazo umuntu ashobora kwibaza kuri iyo ndwara.

Mu kiganiro ikinyamakuru IGIHE cagiranye na Muganga Jean Marie Nimenya asanzwe ari umuganga w’amaso yaratanze umuco ku bijanye n’iyo ndwara ya “Miyopi”.

JPEG - 114.4 ko
Muganga Jean Marie Nimenya

Indwara ya miyopi umuntu yibonekeza mu gihe umuntu adashobora kubona kure. Uno abona ibiri hafi, naho nyene abanje kwiyegereza ahunyije amaso kugira ashobore kubone neza. Ni ukuvuga, umuntu afise miyopi abona ivya hafi gusa. Iyo ndwara ya miyopi, ikunga kuvurwa muri rusangi ariko hariho iyindi mice y’abafise iyo ndwara. Hari iyo bita « hypermyopie ». ubu bwoko bwa miyopi nabwo buvurwa mu gihe umuntu agerageza gushiramwo inguvu mu gukanura kugira abone neza, aho rero bagira n’ingorane yo kuza barameneka umutwe. Hari iyo bita « stygmatie », uwuyifise agira nawenyene ingorane yo kuza arameneka umutwe, agashaka kugira amaso arikanuye nk’ ayabakinyi ba rugby. Hari n’abandi bafise iyo bita « prepsibsi ». Ubu bwoko nabwo ni igihe umuntu bimugora gusoma. Kandi buno bwoko nibwo benshi bazi gusa.

Ariko indwara ya miyopi ahanini iri kubiri. Hari miyopi isanzwe bita “myopie simple” (“Miyopi isanzwe”) na miyopi ikomeye bita « myopie maladie ». Iyo “Miyopi isanzwe”
niyo ikosorwa badakoresheje irori ryo hejuru. Ni ukuvuga irori rikaze. Miyopi ikomeye nayo itangura umuntu akiri muto, ikabandanya no gushika mbere no kubipimo vy’utumenyetso twa – canke + duherekejwe n’ibiharuro. M’ubuvuzi bw’amaso, bivurwa ko iyo ariyo mbi kuko ijana n’indwara zituma amaso ahuma mbere n’agahimba kiburungushije gatuma ijisho ribona bita “retine” kononekara kakajako uducafu canke budashobora no kuvako.

Kumeneka umutwe, kwivyiringira mu maso canke kugira ibicuro vyinshi sivyo vyerekana ko umuntu arwaye indwara ya miyopi nkuko abenshi bavyibaza. Ahubwo bimwe mu bimenyetso vyerekana ko umuntu yoba afise indwara ya miyopi, hari ugushaka kwegera ikintu kugira ashobore kukibona neza, aho abandi babona bitagoranye.

Indwara ya miyopi ni indwara ishobora kuva kuva ku bavyeyi. Umwana avyawe n’abavyeyi barwaye miyopi ashobora nawe kuyirwara. Ni indwara ishobora kuza umuntu akuze ivyo bita “cataracte”. Iyo cataracte ishobora gutuma umuntu arwara miyopi kandi atarasanzwe anayirwaye kuko agahimba k’ijisho ribona gashobora kuba kononekaye. Ikindi, miyopi ishobora no kuva ku ndwara y’igisukari. Muri ico gihe, iyo ndwara yigisukari ikize, n’indwara ya miyopi ishobora gukira.

Muganga Jean Marie Nimenya ati: “Iyo ndwara ntivurwa irakosorwa”. Ni ukuvuga ko mu gukosorwa bakoresha irori kugira uwo ayifise ashobore kubona amasanamu nk’uko abandi bayabona. Ariko ntibisigura ko uwuyambaye aca akira, kuko irori rirakosora gusa. Mukugira ikire barayibaga, ivyo navyo bigakorwa mu gihe iyo ndwara yoba yaduze k’urugezo rwo hejuru cane.

Indwara ya miyopi ishobora gukosorwa mu buryo butandukanye. Ubwo nabwo ni kwambara irori bakoresheje utumenyetso, two – canke + hongeyeko igiharuro bivanye n’ingene umurwayi ameze. Hari uburyo bwo gukoresha akarori gatoya bomeka ku jisho kugira umuntu abone ariko bita “Lentille de contact” hamwe n’uburyo bwo kubaga miyopi bakoresheje ubuhinga bita « lazer». Uwo abazwe, aca asubira kubona adakoresheje irori risanzwe canke irori bahometse ku jisho.

Kubivurwa ko ibiharage biri mu bituma indwara ya miyopi yongerekana, muganga Jean Marie Nimenya yarabeshuje avuga ko hashobora kuba ingorane gusa mu gihe habuze ivyunyunyu( vitamin) mu mubiri. Ariko nta mfungurwa n’imwe itera canke ikiza indwara ya miyopi.

Muganga Nimenya yahanuye ko umuntu yokwipimisha amaso akiri muto, ntibarindire ko yobanza kwumva ko hari ibitagenda neza mu maso ngo abone kuja kwipimisha. Ku bana, bisabwe ko abavyeyi bobakurikirana kuva bakiri ku mashure mato, bakaraba ko atangorane zo gusoma ivyanditse bakaraba ko babona neza amasanamu batarinze kwegereza, bongere babasuzumishe ko ivyo bita “fonction visuelle” bikora neza.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.