Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara yo kwibagira Alzheimer ihitana abantu benshi kw’isi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara yo kwibagira Alzheimer ihitana abantu benshi kw’isi

Indwara yo kwibagira Alzheimer ihitana abantu benshi kw’isi

dimanche 22 Nyakanga 2013

Igitera indwara yo kwibagira, ariyo bita mu gifaransa "Alzheimer" ntikirameneyekana neza gushika ubu, ariko mu bushakashatsi bwakozwe, indwara yo kwibagira, n’indwara ifatira mu bwonko, igaterwa ahanini n’ubusaza budasanzwe canke ikaba ari indwara y’akaronda mu muryango, hagaca haba n’ibindi bica vyongerereza iyo ndwara, nko kugira ubunini n’ibinure birengeje mu mubiri, ingorane z’umutima, indwara y’igisukari, canke ingorane z’umurindi w’amaraso...

Vyagaragaye ko kubamaze gufatwa n’iyo ndwara, uko iminsi igenda, niko bagenda baribagira cane n’ibihe, kwibagira abantu n’ibintu, kwiyibutsa nk’insiguro y’amajambo, no gushobora kwicira urubanza. Ibimenyetso vy’indwara yo kwibagira "Alzheimer" bigatangura kwibonekeza inyuma y’imyaka 65, uwuyirwaye akaba asigaranye gusa imyaka iri hagati ya 8 na 12 yo kubaho.

Mu gihe muri uyu mwaka bahimbaza igice ca 20 c’umunsi wahariwe kurwanya indwara zo mu mutwe, Judes Poirier, umushakashatsi wo kuri kaminuza mu gisata kiraba indwara zo mu mutwe, indwara ya Alzheimer ishobora kubonwa nk’ubusaza bunyaruka kuza buhera ku myaka 55. Ati, mu vy’ukuri, iyaba abantu baramba bagashikana imyaka iri hagatibya 150 ni 160, biragaragara ko abantu twese twoba dufise indwara ya Alzheimer.

Kw’isi yose, iyo ndwara ikaba ifata igice kimwe kw’ijana c’abantu bari hagati y’imyaka 65 na 69, ibice 20 kwi 100 vy’abari hagati y’imyaka 85 na 89 hamwe n’ibice 40 kwi 100 vy’abati hagati y’imyaka ya 90 na 95. Umugabo 1 kuri 8 n’umukenyezib1 kuri 4, nibo bayisazana.

Mu biharuro vyakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, indwara yo kwibagira "Alzheimer", kw’isi yose ihitana abantu bagera ku miriyoni 35 n’ibice 5, mu ribo, imiriyoni 7 bava mu bihugu vya Buraya, aho mbere bigaragara ko 850 000 bava mu gihugu c’Ubufaransa. Ishirahamwe OMS, rikavuga ko nko mu mwaka 2030, ico gitigiri c’abayirwaye kw’isi yose kizoba ciyongeye incuro zibiri kikaja ku miriyoni 65 n’ibice 7, hanyuma ciyongere kandi incuro zitatu mu mwaka w’i 2050, kigere ku miriyoni irenga 100. Abantu bose, bahamagariwe gushigikira abo bafise iyo ndwara, na cane cane mu kubafasha kwama bakora udukorwa kugira ubwonko bugume bukora.

Mwomenya ko indwara ya Alzheimer yatowe ubwa mbere mu mwaka 1906 n’umuganga w’umudagi avura indwara zo mu mutwe.


Mariella Bukuru

Messages

  • Nukuri uko novuga kur iyo ndwara nuko nukuruha mu Bwenge canke mumubiri navyonyene bishora gutuma udwara iyo ndwara Alzheimer kandi bisubiye nubuzima bubi buratuma udwara iyo ndwara.Kuko harigihe usanga hari n’Abantu bakiribato usanga badwaye iyo ndwara aho nibaza yuko ubusaza ataringorane nini cane nubwo benshi bafatwa na Alzheimer ari Abantu bageze muri za bukuru.
    Ikindi nibaza nuko buri muntu afise Ubwonko bwibutsa iyo rero harigihe ubwo Bwonko burimwo ubucafu ico gihe ushobora kwibagira.Ndetse haragera nigihe wumva Umutwe ukurya imitsi itwara amaraso mubwonko bwibutsa bivanye nubucafu burimwo ikananirwa gutembereza amaraso muri ubwo Bwonko. Kuko hari nizindi ndwara zifatira mumutwe nk’Indwara bita Sonona nayonyene ifatira mumutwe yo ishobora gutuma wokwiruka ugasara. Kuciyumviro canje nogarukiriza ngaha <<>> AMAZINA YANJE NI EZECHIEL-JAMES NSHIMIRIMANA, NKA NDUMUNYESHURE WO MUMWAKA 13. NKABA NIZE ITANGAZA AMAKURU.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.