Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara zifata igiterwa c’imyumbati zaraciye inkokora abarimyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Indwara zifata igiterwa c’imyumbati zaraciye inkokora abarimyi

Indwara zifata igiterwa c’imyumbati zaraciye inkokora abarimyi

vendredi 11 Ndamukiza 2014

Imirima y’imyumbati mu Burundi yaragabanutse, kuva aho indwara ifata ico giterwa itereye mu gihugu nk’uko bivugwa na Simon Bigirimana, umuyobozi w’ico giterwa muri ISABU.

Simon Bigirimana amenyesha ko indwara zibangamiye ico giterwa c’imyumbati ari nka mosaïque du manioc na striure brune du manioc. Izo ndwara rero nkuko uyo muyobozi abivuga , zikaba ziri muzatumye ico giterwa kigabanuka mu Burundi, na rirya kiri mu biterwa bitunze imiryango myinshi. Amenyesha ko ubu, bagerageza kwigisha abarimyi bari mu mashirahamwe, uburyo borwanya izo ndwara ku biterwa vyabo, iyo bigikunda.

Nk’uko umuyobozi ajejwe igiterwa c’imyumbati muri ISABU (Institut des sciences agronomiques du Burundi) abivuga, ibikotikoti birinda iyo ndwara vyarageragejwe gutangwa, ivyo navyo bikaba vyabanje kugirwako ivyirwa, muri ISABU barabona ko ivyo bikotikoti birinda izo ndwara. Ariko rero uyo muyobozi, avuga ko kuva mu waka w’2002 gushika mu mwaka w’2008, indwara zifata imyumbati zaciye amaboko abanyagihugu, gushika aho, imirima yagabanutse cane, ija mu mnsi y’amahegitari ibihumbi 84.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.