Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara zirenga 200 ziterwa no kunywa inzoga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara zirenga 200 ziterwa no kunywa inzoga

Indwara zirenga 200 ziterwa no kunywa inzoga

mercredi 14 Rusama 2014

Mu matohoza aheruka gukorwa n’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu OMS, basanze inzoga zitera indwara zirenga ku majana abiri, zigahitaha abantu barenga imiriyoni zitatu ku mwaka.

Ishirahamwe OMS rigereranya kunywa inzoga, n’ikiza gihitana abatari bake kw’isi, nk’inkiza ruhonyanganda SIDA hamwe n’igituntu. Umuntu umwe kuri batanu kw’isi akaba ariwe apfa bivuye ku mabi y’inzoga.

Naho inzoga zigisivya mu gutikiza inganda kw’isi, ishirahamwe OMS rivuga ko bashobora kurwanya amabi aterwa n’inzoga ashobora guhitana abantu barenga imiriyoni 37. Zimwe mu ndwara amajana abiri ziterwa n’inzoga zimaze kumenyekana akaba ari, indwara z’imigera (infectieuse), insanganya mw’ibarabara, ibikomere, ukwiyahura, indwara z’umutima, indwara y’igisukari, indwara ya siroze, igitigu, guta ubwenge, n’izindi.

Muganga Shekhar Saxena, umuyobozi w’igisata c’indwara zo mu mutwe mw’ishirahamwe OMS, amenyesha ko ku masegonda cumi, haza harapfa umuntu ahitanywe n’inzoga. Ku mwaka naho, ku nsanganya ziba biturutse ku kunywa inzoga, abantu bashika ku bice birenga 5 kw’ijana, nibo bitaba Imana. Aho hakavugwa urwaruka rugera ku bihumbi 320 ruri hagati y’imyaka 15 na 29 y’amavuka.

Abageramiwe kurusha abandi, akaba ari urwaruka ruturuka mu bihugu vya buraya, aho urufise imyaka 15 rushobora kunywa amaritiro arenga 6 ku mwaka. Naho biri uko, muri rusangi kw’isi yose, abantu bagera ku bice 48 kw’ijana ntibarigera banywa inzoga na cane cane abakanyezi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.