Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara zo ku rukoba rw’umubiri zoba ziterwa n’impuzu twambara? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara zo ku rukoba rw’umubiri zoba ziterwa n’impuzu twambara?

Indwara zo ku rukoba rw’umubiri zoba ziterwa n’impuzu twambara?

mardi 9 Mukakaro 2013

Kugira amagara meza ntibisaba gufungura neza gusa ariko no kugira isuku ku mubiri biri mu bituma abantu babaho imyaka itari mike. Bimwe mu vyokworwa kugira habe isuku ku mubiri, hariho gukaraba, kwoga iminsi yose no kwambara neza.

Kwambara neza ntibisaba kuba uri umuntu yifise canke kuba uri umuntu afise impuzu nyinshi zo gihindagura buri munsi. Hari indwara zitari nke zikarira umubiri bivuye ku mpuzu umuntu aba yambaye. Aho twovuga kwama twiyagaza ku mubiri, uduhere tuvyimba ku rukoba, guhindagurika kw’urukoba, canke indwara z’urukoba rw’umubiri (ibihute).

Aho mwohava mwibaza igituma bavuga ko iyo umuntu yoze, aba agize usuku rya nkenerwa. Ukwo ni ukuri, ariko iyo umuntu yoze gusa, aba agabanije ubucafu n’urugezo rw’imigera ishobora kwinjira mu mubiri. Ikindi naco, kwoga bishobora gutuma akamoto kabi k’umubiri kagabanuka. Hari ibibazo bitari bike usanga abantu bakunda kwibaza ku bijanye n’uduhere canke n’uguhindagurika kw’umubiri kudahagarara. Kimwe mu bibituma, hari kwiyoga hama ntiwihanagure neza amazi.

Burya utudomagu tw’amazi iyo twumiye ku mubiri turatuma umubiri unagira bimwe bita urubandu.
Ku bisanzwe, iyo umuntu yiyoze, ategerezwa guca yambara impuzu. Izo mpuzu nazo zitegerezwa kuba zimesuye, bishobotse zinagoroye kugira udukoko tutaboneka twoba turiko dushobora kugutuma wiyagaza, tuvamwo. Bikaba bihanurwa kandi kwama wambaye impuzu utarayemwo kugira akamoto k’icuya ntikakumerere nabi, ari naco gituma ari vyiza guhindura impuzu ku munsi ku munsi.

Mu bushakashatsi bwakozwe, vyaragaragaye ko impuzu ziri mu bwoko bwa coton, laine na soie zituma urukoba rw’umubiri ruhema neza. Ku bigeme b’abakenyezi hoho bambara uduhuzu two munsi, barabahanura cane ko arizo bokwambara kuko kwambara uduhuzu turi mu bwoko bwa nylon, n’utundi tunyerera, bituma umubiri utugutirwa bigaca bibatuma bagira itumvyimba kuko umubiri uba utaronse ingene uhema neza.

Kwambara impuzu bihwanye n’ikirere c’uwo munsi, biratuma naho nyene umubiri wiyagura mu guhema canke mukwigwanirira. Muti none abitwa ba ntahonikora naho, batagira ico bambara canke abadafise impuzu zo gihundagura buri munsi bobo bobigenza gute kugira nabo nyene ntibasigare inyuma ku bijanye n’isuku ry’umubiri?

Nk’uko mwavyumvise kuva ku ntango, kwambara neza, ntibisaba kuba wifise. Umuntu ashobora kuba afise n’impuzu zibiri ariko akazifata neza. Abarundi barayamaze bati: “Uwushaka akeza aragahebera”. Bene abo bantu batagira uburyo bwo kuronka impuzu nyinshi, bahanuwe kwama bamesa utwo duhuzu iminsi yose ku buryo bama bambaye izimesuye.

Greenpeace, umuhinga mu bijanye no kwambara, aremeza ko hari impuzu twambara zishobora gutuma abantu barwara naza kanseri. Mu cegerenyo uwo mushakashatsi yakoze i Pekin, yaravuze ko impuzu zishora kugirira ingaruka mbi amagara yacu. Ahanura ko abantu boza barambara impuzu zikeye kurusha izija kwirabura kuko izidakeye zituma izuba rishikira umubiri n’ingoga bigatuma urukoba rugira ingorane.

Eka n’impuzu nshasha zitegerezwa kumeswa imbere y’uko yambarwa kuko hari igihe usanga zakozwa mu bintu bishobora gutuma umuntu aza ariyagaza.

Ku bakunda kwambara impuzu zifata umubiri, babahanura ko bokwambara izirekura, kuko, iyo umubiri ubuze aho uhemera, uratugutirwa, bigaca bituma umuntu aza ariyagaza. Ukwiyagaza naho bigatera imigera ku rukoba, ari naho utugwara dufatiye ku rukoba twiyadukiza.

Indwara zo ku rukoba ntiziva gusa ku mpuzu tuba twambaye, zishobora no kuva kuvyo tuba twafunguye canke ugasanga n’umuntu akarirwa n’ibivyimbe ku mubiri. Ku bantu nkabo, n’ukwama begereye abaganga kugira amagara yabo akurikiranirwe hafi.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.