Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka ku bakenyezi bakunda kwibaruka babanje kubagwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ingaruka ku bakenyezi bakunda kwibaruka babanje kubagwa

Ingaruka ku bakenyezi bakunda kwibaruka babanje kubagwa

lundi 17 Ntwarante 2014

Umukenyezi yibarutse agashikana umwana, imiryango n’abamwegereye baramukeza mu buryo butandukanye, hari abakoresha udushimwe n’ababicisha mu majambo bagira bati : “Simba imanga, urakavyara benshi uduhe kamwe, ni wonkwe, n’ayandi majambo nk’ayo”.

Ariko rero, uburyo bwo kwibaruka buratandukanye kuko hari abibaruka biciye mu buryo busanzwe n’abibaruka barinze kubagwa. Kubamaze kwibaruka, baremeza ko igikorwa co kwibaruka atari igisanzwe kandi ko ari ibanga ridahabwa bose. Mu gisata c’ubuvuzi, bavuga ko iyo umukenyezi agire yibaruke, agira igikorwa bita igise. Hari abakenyezi babangamirwa n’igise c’umwana baba bibungenze, imbere y’uko bibaruka n’abandi kibababaza bakibaruka batarushe.

Ku bakenyezi bataribaruka ariko bamaze kwumva ukungene igikorwa co kwibaruka kimeze, hari abaca bisabira ko bobarwa batarinze gutinya kubabazwa n’igise c’umwana. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE.com gikorera mu gihugu c’Urwanda, Muganga John Mugande wo ku bitaro vyitiriwe King Fayçal w’i Kigali, avuga ko abakenyezi batokwisabira kubarwa mu kwibaruka, kuko ubwo buryo bufise ingaruka zitari nziza. Gutaburwa kw’igitereko, Kuva amaraso menshi, ibakwe nke zo kwibaruka abana umuvyeyi yari yipfuza, guta ubwenge ku bw’umuti wo gusinziriza baba bateye umuvyeyi imbere yo kubagwa, kugira inguma canke zigateba gukira, zimwe mu ngaruka zibonekeza ku bakenyezi baba bibarutse barinze kubarwa.

Mugande avuga ko ata mpamvu n’imwe zihari zotuma abakenyezi bibungenze bisabira kwibaruka barinze kubagwa. Ati, abenshi muri bo, bakunze kwitwaza ko bafise ubwoba bwo guhava badashikana umwana mu gihe bokwibaruka biciye mu buryo busanzwe “voie basse” canke ko bidakunda ko bihanganira igise c’umwana bibungenze. Muganga Mugande akavuga ko akenshi abakenyezi bibarutse barinze kubarwa, bibaruka iminsi 40 imbere y’uko igihe co kwibarukira kigera, kandi ariho bari kwibaruka atantambamyi canke inkurikizi zihabaye. Ati: “ Kwihutisha kwibaruka ningonga, bifise ingaruka mbi cane, haba k’umuvyeyi canke no ku mwana”.

Muganga John Mugande ahanura abakenyezi bose kwirinda kwisabira kubarwa mu kwibaruka atari umuganga wenyene abonye ko bikenewe.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.