Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka ku bana bavuka kuri ba nyina banywa itabi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ingaruka ku bana bavuka kuri ba nyina banywa itabi

Ingaruka ku bana bavuka kuri ba nyina banywa itabi

samedi 24 Rusama 2014

Itabi ntirifise ingaruka gusa kuri nyina w’umwana, ariko no ku mwana aba yibungenze. Mu matohoza yakozwe, ibice bigera kuri 14,8 kw’ijana vy’abana bavuka kuri ba nyina banywa itabi, bavuka badakwije ibiro.

Nk’uko vyashikirijwe n’igisata gikurikirana ivy’ukuvuka kw’abana n’ingene bagenda barakura, kuri uyu wa kane wa 22 Rusama 2014, basanze ibice 15 kw’ijana vy’abana bavuka kuri ba nyina banywa itabi, bavuka bafise ibiro biri munsi ya bibiri n’igice. Ku bakenyezi batanywa itabi, ibice bigera kuri 6,2 kw’ijana vy’abana bari munsi y’ibiro 3,1 nibo bavutse mu mwaka w’2013.

Ayo matohoza avuga kandi ko abana bavuka kuri ba nyina banywa itabi, akenshi bavuka hataragera (prématuré), iyo bavutse naho, bakagira umubiri udakura, bikavurwa mbere ko n’ubwonko bwabo bana buba ari buto. Iyo rero umwana avutse adakwije ibiro, bishobora kugira ingaruka mbi mu gukura kwiwe.

Ku bibaza ukungene itabi riba ryanyowe na nyina rishobora kugira ingaruka no ku mwana, abaganga bavuga ko ivyo bita « monoxyne » ziba zavuye mu mwotsi w’itabi, zinjira mu maraso y’umuvyeyi n’ayumwana, bigashobora no kubuza umwana guhema neza.
Ikindi naco, « nicotine » ziva mw’itabi, zinjira mu gitereko kiba kirimwo umwana zigatobora n’irigi (fœtus) ry’umwana, ari naho umwana aca igira ingorane z’amagara yiwe.

Izindi ngaruka zibonekeje mu matohoza yakozwe ku bakenyezi banywa itabi bibungenze, n’uko abana bavutse ku banywa itabi, bashobora kuzonywa nabo itabi bakuze kandi bagashobora ko banarinywa hakiri kare.
Tubibutse ko umwana avuka afise ibiro bikwiye bisabwa n’amakego yo mu gisata c’ubuvuzi, ategerezwa kuba afise n’imiburiburi ibiro bitatu n’igice kimwe (3,1).


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.