Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka ku magara y’abantu ziriho bivanye n’ukurungika ubutumwa kenshi na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ingaruka ku magara y’abantu ziriho bivanye n’ukurungika ubutumwa kenshi na (...)

Ingaruka ku magara y’abantu ziriho bivanye n’ukurungika ubutumwa kenshi na ngendanwa

dimanche 30 Ntwarante 2014

Ishirahamwe ry’abigisha b’abongereza mu gisata c’ubuvuzi, mu bushakashatsi bakoze, basanze ko kurungika canke kwandika ubutumwa kenshi kuri za ngendanwa canke ubundi buryo bugezweho, mu gutumatumanako amakuru (tablettes, inyabwonko) bifise ingaruka zitari nziza ku magara y’abantu.

Abo bashakashatsi bavuga ko iyo umuntu ariko arandika canke arungika ubutumwa akoresheje bene ivyo vyuma (ndendanwa,tablette,...) bisaba ko umuntu agondamika izosi, umugongo n’igitugu. Iyo rero ivyo bihimba vy’umubiri bimaze umwanya muremure bigondamye canke iyo bimaze umwanya mu ruhande (position) rumwe, bishobora gukwega ingaruka zitari nziza ku magara y’umuntu. Zimwe mu ndwara zikunze kwaduka kubera iyo nyifato itabereye, ni indwara zo mu mahaha hamwe n’indwara z’umutima.

Abo bahinga mu bijanye n’ubuvuzi, bavuga ko iyo umuntu yicaye, umutwe wunamye, izosi rikaguma ryitunye, bituma umuntu adashobora guhema bikwiye. N’ukuvuga ko iyo ariko arahema, impwemu ziwe ntizisohoka canke zinjire neza uko vyageterezwa kumera. Ikindi naco, ubwo buryo (position) umuntu aba arimwo, igihe aba ariko arandika canke ararungika ubutumwa kuri za ngendanwa n’ibindi bimeze nkavyo, bituma imbavu ziwe zidashobora kwihindukiza neza, umutima ugatera nabi nabi hamwe n’amahaha adashobora gukora neza.

Ingaruka z’iyo nyifato yo kwandika no kurungika ubutumwa kuri za ngendanwa, ntizibonekeza muri ako kanya umuntu aba ariko arabikora, ariko zigenda ziribonekeza uko iminsi igenda irahera. Abashakashatsi bagize ayo matohoza, bahanura abantu guhindura inyifato mu kugabanya kwandika no kurungika ubutumwa kugira birinde kwiyicira ubuzima. Kugabanya umwanya bahora bakoresha ivyo vyuma mu gutumatumanako amakuru.

Ikindi naco, bokwirinda kuza bararabisha amaso yabo amaja hasi, iyo bariko barandika ubwo butumwa maze baze barayabisha hejuru. Tubibutse ko amaso, iyo agumye araba umwanya muremure kandi yegereje ikiyo c’ivyo vyuma, aba ariko araraba (ecran) bishobora kumukwegera n’indwara y’amaso.


Mariella Bukuru

Messages

  • yewe ga yeee!!
    Eka kweli izo ndwara na zo ZIZOGENDA ZIRARWIRA, none rero aho gukoresha za ngendandwa na za mudasobwa (machine ordinateur) mu guhindura isi yose ikigwati gito (changer le monde entier en un tout petit village), bagomba dusubire gukoresha bwa buryo bwa kera ari bwo télégramme, inyandiko z’iminwe,amabahasha hamwe na za urazomumbaririra uti..???

    emwe,ni bateshwe bate. ugira bo uworaba ntiyosanga bazikoresha uko bidakwiriye?

    rekerana,ahubwo bazogenda bararwira.

  • Erega ni bugare n’amashule kuko mu kwiga bose barunama!
    Nta gikorwa na kimwe gikorwa umuntu atunamye!
    ivyo kwandika amakete navyo vyari ivya Osama ariko ntakiriho.Uwufise ico yinyegeza azoze arareka kubikoresha ariko tweho tugumako!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.