Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka ku magara y’abantu zivuye kukutaronka urukundo (affection) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ingaruka ku magara y’abantu zivuye kukutaronka urukundo (affection)

Ingaruka ku magara y’abantu zivuye kukutaronka urukundo (affection)

jeudi 27 Ntwarante 2014

Urukundo rwigaragaza mu buryo butandukanye, hari urwigaragaza hagati y’umugore n’umugabo, canke hagati y’umuhungu n’umukobwa. Hari n’urwibonekeza hagati y’umuvyeyi n’umwana, urwibonekeza hagati y’abavukanyi n’urwibonekeza hagati y’abagenzi.

Urwo rukundo rwigaragaza bivanye n’ingene umuntu ashatse kurutanga. Rukunze mbere kugereranywa n’umurima w’amashurwe, iyo utavomewe ushobora kwuma umwanya uwariwo wose, ari nakwo narwo nyene iyo rutavomewe rushobora kugenda ruhinduka bigashika mbere rukanapfa.
Muri ukwo kuvomerwa kugire ntirupfe, bisabwa ko umuntu agenda aragaraza ibiruvamwo. Nka kurya vyibonekeza hagati y’abakundana, iyo umuntu akunda mugenziwe, arabimwereka yaba mu kubimubwira n’akanwa, canke mu gukora ikintu cerekana ko hari urukundo.
Bivurwa kandi ko urukundo rukomeye nk’urupfu. Iyo rubuze, yaba hagati y’abakundana canke hagati y’umuvyeyi n’umwana, hashobora kuvuka ingorane zitari nziza ku buzima bw’umwumwe wese.

Mu cirwa cakozwe n’abahinga mu bijanye n’inyifato, bavuga ko iyo umwana ataronse urukundo rukwiye rw’umuvyeyi, ashobora kuzovyibuha birenze (Obesite) kugeza ku ncuro zibiri, ageze ku myaka cumi n’itanu.
Mu gihe vyari bizwi ko ari ukudafungura nk’uko bitegerezwa, hamwe no kutagira imyimenyerezo bikwiye arivyo bishobora gutuma umuntu avyibuha ukutarikwo, no kutaronka urukundo (affection) rukwiye kuva ukuri umwana, biri mu bishobora gutuma naho nyene umuntu avyibuha birenze. Ico cirwa kikaba cakozwe ku bana bakiri bato bagera ku 977 bari kumwe naba nyina babo. Muti gute?

Iyo umwana ataronse urwo rukundo akiri muto, arondera ikindi comukiza akabonge n’umubabaro afise muriwe. Abenshi baca batangura kubirondera mu gufungura cane ibisukari, ari navyo bica bibatera kuvyibuha birenze. Inkurikizi zica zibonekeza bakuze, n’indwara z’umutima ziguma ziyadukiza muribo, iz’igisukari, amakanseri n’izindi ndwara zo mu nda nk’umushishito kubera kudafungura neza.
Abahinga muvy’inyifato bakavuga ko urukundo atari ikintu co gufata minenerwe na cane cane urukundo hagati y’umuvyeyi n’umwana. Iyo umwana ataronse urukundo rukwiye rw’umuvyeyi wiwe, bishobora kugira ingaruka mu nyifato ziwe akuze.

Bahanura abavyeyi kurushiriza kwereka abana bakiri bato urukundo babafitiye, maze bikirinda kuza barabakankamira, kuko ico umwana abona akiri muto, bitoroshe ko acibagira.


Mariella Bukuru

Messages

  • Jew Nkico Niyumvir Mubijanye Nurukundo Icambere Wo Kundimana Kuko Niyitubona Niyo Itwambika Ham Kuvyurukund Navyo Bivana Ningeso Zawe Ziba Zirimumubir Wigenjeje Neza Ntangorane Nimw Jew Ndakunz Kand Nkunze Umwan Wumu pasteur Nanj Ndamukund Bukebuke Kebera Sewiw Abonye Barikumwe Numuhungu Yomushwa nira Nanje Namubwiye Ndamuhebe Aranka Kand Arankorera Ivyiza Kugira Sindamuhebe Nanje Kuko Ntinya Sewiwe None Mwofashiki Inyishu

  • Jew Nkico Niyumvir Mubijanye Nurukundo Icambere Wo Kundimana Kuko Niyitubona Niyo Itwambika Ham Kuvyurukund Navyo Bivana Ningeso Zawe Ziba Zirimumubir Wigenjeje Neza Ntangorane Nimw Jew Ndakunz Kand Nkunze Umwan Wumu pasteur Nanj Ndamukund Bukebuke Kebera Sewiw Abonye Barikumwe Numuhungu Yomushwa nira Nanje Namubwiye Ndamuhebe Aranka Kand Arankorera Ivyiza Kugira Sindamuhebe Nanje Kuko Ntinya Sewiwe None Mwofashiki Inyishu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.