Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka ku magara y’abantu zivuye kukugira ubwoba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ingaruka ku magara y’abantu zivuye kukugira ubwoba

Ingaruka ku magara y’abantu zivuye kukugira ubwoba

lundi 10 Ntwarante 2014

Kuja mu butinyanka hataragera, kuguma ushaka kwituma, kugira imisonga, kudegedwa, uguhagarara kw’imirindi y’amaraso ni bimwe mu bishobora guterwa n’ukugira ubwoba.

Abahinga mu bijanye n’ubuvuzi bavuga ko ubwoba ari umwansi wa mbere w’amagara meza. Ubwoba ni ikigumbagumba giterwa ahanini n’umusimburo (hormone) ya adrenaline iri mu mubiri. Iyo umuntu agize ubwoba muriwe, ntaba agishobora kwifata kuko uwo musimburo ariwo uca uganza ibihimba vyose vy’umubiri.
Muganga Sadoscar Hakizimana, umuganga araba ingorane z’abakenyezi (gynecologue obstetrical), mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE yasiguye ukungene ubwoba bushobora guhindura ingene umubiri wakora, mu mwanya muto.

Nk’akarorero, ku bakenyezi canke ku bigeme baja mu butinyanka uko ukwezi guheze, iyo hagize nk’ikintu kibatera ubwoba canke kigakandamiza umubiri wabo batari bavyiteze, bishobora guhindura uburyo umubiri wabo wakora, ari naho uca usanga basubiye mu butinyanka ukwezi kutaragera abandi bakaguma bumva bashaka kwituma kandi batari bahashaka vy’ukuri.

Mu matohoza yakozwe ku bijanye n’ikigumbagumba c’ubwoba, abahinga bavuga ko ubwoba bushobora guterwa kandi n’uguhungabana kw’umubiri canke kuba mu myitwarariko y’ubuzima (stress).
Kubwa muganga Sadoscar, kugira imyitwarariko myinshi y’ubuzima bishobora gutuma haba n’uduhimba tumwe tumwe tw’umubiri tudakora neza kubw’imitsi iba itakiriko irakora neza. Kubw’ivyo, bikaba bisabwa ko ata muntu yari akwiye kwanjanjwa no kureka ikigumbagumba c’ubwoba kuganza muri we, kuko bishobora kugira ingaruka zitari nzinza muriwe.

Ku bivurwa naho ko iyo umwe mu bubatse urwabo agize ubwoba mu mabanga mpuzabitsina bishobora gutuma umukenyezi adasama imbanyi, abahinga banonosoye irondoka rijanye n’amagara meza bakaba bavyemeza. Bavuga ko, kugira ubwoba bishobora gutuma imirindi y’amaraso ihagarara, ivyo bita ama nerf, yatuma umubiri widegemvya, ntibibe bigikora neza.

Abo bahinga bakavuga ko ubwoba ari ikirwanisho ca mbere gishobora gusambura umuntu mu mwanya muto cane. Abo bahinga bakaba bahamagarira abantu bose kureka gutwarwa n’ubwoba, iyo bishitse naho ubwo bwoba bukaza, bakirinda ko aribwo bubaganza, bakarengera ivyo vyose bitumye buza.

Mwomenya ko iyo umuntu afise ubwoba, umubiri wiwe ushobora no gutuma umutima wiwe uhagarara, mbere na za ndwara z’umutima zikadukiramwo, canke kurwara umushishito.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.