Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka zivuye ku bukene bw’icunyunyu Fer mu mubiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ingaruka zivuye ku bukene bw’icunyunyu Fer mu mubiri

Ingaruka zivuye ku bukene bw’icunyunyu Fer mu mubiri

jeudi 25 Kigarama 2014

« Fer », ni kimwe mu vyunyunyu umuntu wese akenera mu mubiri ataravye urukoba canke imyaka yoba afise, n’icunyunyu kandi gituma umuntu ashobora kubira icuya canke kugira umwanda muto.

Mu bushakashatsi bwakozwe, abahinga babinonosoye bemeza yuko icunyunyu « Fer » kiri mu bituma amaraso agira ibara ritukura, kikanatuma kandi n’umuntu yumva afise ingunvu mu mubiri.
Abashakashatsi bagize amatohoza ku bijanye n’icunyunyu Fer, bavuga yuko muri rusangi umuntu akuze ategerezwa kugira icunyunyu Fer kiri hagati y’amagarama 0,6 na 1,9 kw’iritiro, abana nabo hagati ya 1,1 na 2.

Ku bagabo, bategerezwa kuba bafise icunyunyu Fer kiri hagati y’amagarama 30 na 60 kw’iritiro, ku bagore naho bakagira ikiiri hagati ya 20 n’i 150 kw’iritiro kiretse gusa mu gihe bibungenze kuko hoho kica kigabanuka.

Iyo rero icinyunyu Fer kigabanutse mu mubiri, haca haba inkurikizi z’indwara zivuye ku bukene bw’amaraso. Zimwe mu ngaruka zikunze kwibonekeza, n’indwara yo mu maraso bita mu gifaransa « Anémie » dusanga cane cane mu bihugu biteye imbere n’ibiri mu nzira y’amajambere, aho mukamenya ko n’Uburundi burimwo.

Mu Burundi, harakozwe amatohoza ku bijanye n’indwara ya Anémie ku bagore n’abagabo bari hagati y’imyaka 15 na 49 hamwe n’abana bari munsi y’imyaka itanu. Muri ayo matohoza ya EDS mu Burundi (Enquête Demographique et de Sante du Burundi) yerekenye, basanze hagati mu gihugu abagore bafise indwara bagera ku bice 45 kw’ijana, abana nabo ku bice 18,8 kw’ijana. Mu bisagara naho, abagore ku bice 16,1 kw’ijana, abana nabo kuri 39,7 kw’ijana.

Ku biharuro vyakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, OMS, abantu baba hagati mu hihugu nibo babangamiwe n’indwara yo kubura amaraso mu mubiri Anemie kurusha ababa mu bisagara.
Zimwe mu mpanuro zatanzwe kugira umuntu wese ashobore kugarukana ivyunyunyu vya Fer mu mubiri, akaba ari ugufungura imfungura zirimwo icunyunyu cinshi ca Fer. Zimwe mu mfungurwa yogisangamwo akaba ari nk’amata, anyama, ifi, ivyamwa imboga n’umunanasi w’indimu.


Mariella Bukuru

Messages

  • ndasavye muze murikubita agashi muvyo mwandika kuko dusangamwo amakosha menshi y’ikirundi,ce qui vous decredibilise d’une maniere !sinon nous nous lisons souvent votre site ou d’une autre!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.