Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka zivuye ku gukandamiza n’ugutera ubwoba umwana akiri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ingaruka zivuye ku gukandamiza n’ugutera ubwoba umwana akiri (...)

Ingaruka zivuye ku gukandamiza n’ugutera ubwoba umwana akiri muto

lundi 21 Ndamukiza 2014

Mu matohoza yakozwe n’abashakashatsi baturuka mu gihugu c’Ubwongereza kw’ishure "King’s college", bavuga ko abana bakandamijwe bagaterwa ubwoba mw’ishure no mu kibano bakiri bato, babandanya bababazwa muribo n’ivyo bakorewe, gushika ku myaka 40 y’amavuka.

Gukandamizwa no guterwa ubwoba mu buto, ni igicapo kidapfa gufudika mu bwonko bw’umutu gushika akure. Abashakashatsi bavuga ko ari nk’ikiguma gisiga imvune mu mutima w’umuntu, gishobora kandi n’ukumwononera ubuzima.
Kuba umuntu yama yuzuye umubabaro n’amaganya, uguhahamuka kenshi, kugira ingorane mu migenderanire n’abandi canke kugira ingorane zo kutumvikana n’abandi mu kazi, ni zimwe mu nyifato, zerekana umuntu yakandamijwe agaterwa n’ubwoba mu buto bwiwe.

Ku bana bafatiyeko mu kugira amatohoza, abo bashakashatsi bo kw’ishure King’s College bavuga ko ku bavyeyi bafise abana b’imyaka 7 na 11 babajije ukungene boba barakandamije abana babo, basanze hari ibice 28 kw’ijana vy’abana boba batakandamijwe cane, ku bice 15 kw’ijana vy’abana bakandimijwe kenshi. Ubwo bushakashatsi bukaba bwakorewe ku bana bagera ku 7 771, kuva bagifise imyaka 7 y’amavuka gushika ku myaka 50.
Naho ku mubiri ata gikomere kiba kigaragaza ko umuntu yakomeretse, ivyo aba yaraciyemwo akiri muto mu gukandamizwa no mu guterwa ubwoba, biramusigamwo imvune, bikaza kugira ingaruka ariko arakura. Abababaye cane bakiri bato, iyo bakuze bagira ivyiyumviro bibatuma bashaka kwiyahura.

Kubwa Louise Arseneault, uwatanguje ico cirwa, abavyeyi barakwiye gudafata minenerwe ikibazo zo gukandamizwa kw’abana bakiri bato, kuko ari igicapo kidashoka cibagiranwa muriwe gushika bagere no mu myaka 40 y’amavuka.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.