Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka zivuye ku gukora amasaha arenga abiri umuntu yicaye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ingaruka zivuye ku gukora amasaha arenga abiri umuntu yicaye

Ingaruka zivuye ku gukora amasaha arenga abiri umuntu yicaye

dimanche 22 Ruheshi 2014

Kwicara umwanya muremure, biri mu bituma amaraso adatembera neza mu mubiri. Mu cirwa gishasha giheruka gukorwa, vyagaragaye ko amahaha hamwe no munsi y’’umukondo hafi y’igitereko, ariho habangamiwe cane.

Ivyigwa bitari bike bimaze gukorwa, bivuga ko abantu bicara umwanya muremure naho boba bariko barakora bitera indwara z’umutima, indwara z’amagufa, indwara zo mu maguru hamwe no kutaramba. Abenshi mbere bagapfa hagati y’imyaka 20 na 30 y’amavuka. Zimwe mu ndwara zimaze gutorwa bivuye ku kwicara amasaha arenga abiri naho umuntu yoba riko arakora, n’indwara ya kanseri. Iyo mpanuka igashobora no gushika no bantu boba binonora imitsi. Abaganga bakavuga y’uko ibihimba nka côlon na endomètre ari vyo bibangamirwa cane.

Mu guhagarika impanuka zivuye kukwicara umwanya muremure naho umuntu yoba yicaye ariko arakora, bihanuwe ko yoza arahagaruka ku mwanya ku mwanya, kugira agorore imitsi. Bihanuwe ko abantu ko bohindura inyifato bahora bakora, bishoboka ko igikorwa umuntu yahora akora yicaye ko yogikora ahagaze, abe arivyo ahitamwo. Aho bakavuga nko kuraba imboneshakure, gufungura, kugenda uhagaze mu muduga wo kwiyunguruza abantu (transports en commun) canke mu gukora udukorwa two muhira.

Mwomenya ko mu bihugu bimwe bimwe biteye imbere, amashirahamwe amaze gutangura kwigisha abakoresha babo, umugambi wo gukora bahagaze, bakicara gusa bikenewe. Imirimo yose ishobora gukorwa bahagaze, akaba aribwo buryo bakoresha.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.