Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingwara yo mu kigo n’ingaruka zayo ku muryango - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ingwara yo mu kigo n’ingaruka zayo ku muryango

Ingwara yo mu kigo n’ingaruka zayo ku muryango

jeudi 13 Ruheshi 2013

Ingwara yo mu kigo ikunda gufata abakenyezi bo mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere. Iyo ngwara ikaba iva cane ku kumara umwanya munini ku bise ku bakenyezi bo mu misozi usanga ata vuriro riri hafi y’aho baba, bagaca bibarukira muhira.

Iyo ngwara ikaba itera isoni abo bagore kuko umunuko ariwo urangwa aho uwurwaye iyo ngwara aba ari hamwe no kwikumira kuko kanatsinda abagabo n’ikibano cabo bakenyezi baca babakumira. Iyo ngwara ikaba igaragaza cane ukutangana kw’ibihugu mu kuronswa imiti canke kuvurwa ku bakenyezi.

Abakenyezi bagera ku miliyoni 300 nibo barwaye iyo ngwara kw’isi bivuye ku ngorane zikunda gushikira abakenyezi hamwe hageze kwibaruka. Ku mugore umwe yitaba Imana mu gihe co kwibaruka, abandi bashika ku mirongo ibiri nibo usanga bagize izo ngorane zavuye ku guteba kwibaruka.

Ibituma iyo ngwara ibaho ahanini ni kwibarukira muhira canke umukenyezi bakamukora nabi mu mwanya ariko aribaruka, ubukene, ugufungura nabi, ubuvuzi budateye imbere, imigenzo ya kera yo kwivuriza ku baganga b’ikirundi.

Iyo ngwara ikaba ikunda gufata abantu usanga umenga barahebwe mu kibano, abagore bakiri bato, abakene, abatize baba ahantu kure cane y’ibisagara.
Iyo ngwara kandi iranafata abakobwa baba bagiye kurongorwa hakiri kare bari mu myakay’imiyabaga iharurwa mu myaka cumi n’itatu n’ukuduga gato aho usanga umubiri w’abo bana utarakura neza, aho rero inda irashobora kubatera indwara yo mu kigo.

Inkurikizi z’ingwara yo mu kigo ni nyishi cane kandi ziranateyeubwoba. Umwana kenshi arapfa iyo umugore yatevye ku mbanyi, umukenyezi aguma ajojota, biragora ko umukenyezi yifata, umwanda muto uguma wisesa, ikibano kikamuta, incuti n’abagenzi bakamuta.

Aho rero narirya benshi baba ari abo mu ntara za kure ahatari amavuriro, kuronka umuti biragoye. Umukenyezi ntaba akija ku kivi canke ku mirimo ya minsi yose kuko aguma yikumira we nyene.

Ico mwomenya n’uko iyo ngwara ishobora kuvurwa igakira. Mbega hokorwa iki kugira turwanye iyo ngwara? Ivurirwa he? Ng’ivyo ibibazo tuzoca hirya no hino mu nkuru yo hanyuma


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.