IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Innocent Ngendakuriyo "NZARABU" yagirizwa ubwicanyi bwo mu Gatumba (...)

Innocent Ngendakuriyo "NZARABU" yagirizwa ubwicanyi bwo mu Gatumba yapfuye

lundi 3 Ntwarante 2014

Innocent Ngendakuriyo batazira NZARABU yitavye Imana mu gitero cabereye mw’ishamba rya Rukoko, mw’ijoro ry’ejo ku munsi w’Imana. NZARABU yagandaguwe mu gihe yaheruka gutoroka ibohero rya Rumonge kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2012, aho yari apfungiwe yagirizwa ubwicanyi bw’abantu barenga mirongo ine mu Gatumba, ku kabare "Les Amis".

JPEG - 85.3 ko
Innocent Ngendakuriyo "NZARABU", bivugwa ko yaguye mu gitero mu Rukoko

Abantu bitwaje ibirwanisho barateye mw’ishamba rya Rukoko, mu karere kegereye i Kiriba. Amakuru ava aho habereye ico gitero amenyesha ko abo bitwaje ibirwanisho bavuga ko ari aba FNL baje bava muri Congo, batera ikirindiro c’abasirikare. Batatu muri abo barwanyi baciye bahasiga ubuzima, muribo bikavugwa ko harimwo Innocent Ngendakuriyo batazira NZARABU. Biravurwa kandi ko hoba hari n’abasirikare baguye muri ico gitero, n’aho igitigiri kitaramenyekana.
Mu gisirikare c’Uburundi, biciye ku muvugizi w’igirikare Colonel Gaspard Baratuza baremeza ayo makuru y’ico gitero hamwe n’urupfu rwa NZARABU.

JPEG - 15.5 ko
Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Innocent Ngendakuriyo "NZARABU" yagirijwe ko ariwe yateguye, yongera ashira mu ngiro umugambi wo kwica abantu barenga mirongo ine bagandaguriwe mu Gatumba, mu kabare aho bariko bivuna akanyota. Amaze gushikanwa mw’ibohero mu Rumonge intara ya Bururi, NZARABU yarashize ahabona amazina y’abo yavuga ko aribo bamutumye kwica abo bantu, muribo hakaba harimwo abategetsi bakomeye bo mu rwego rw’igendereza mu Burundi. Vyavugwa ko abo bategetsi boba bamuhaye igikorwa co kugandagura abo bantu, kugira bice vyegekwa mw’irementanya ku batavuga rumwe na Reta. Yasavye ko abo yagiriza borengutswa bakabumviriza. Ntivyatevye haciye havugwa amakuru ko uwo NZARABU yatorotse ibohero ryo mu Rumonge.

Itoroka rya Innocent Ngendakuriyo "Nzarabu", icagiriji gikomeye, akaba n’umwe mu bakoze ubwicanyi bw’abantu 39 bwabereye mu Gatumba mu mwaka w’2011 ryarateye impari zitari nke. Abatavuga rumwe na Reta babona ko yatorokeshejwe kuko yari atanguye gushira ahabona amazina y’abategetsi yagiriza ko aribo bamutumye gukora ubwo bwicanyi. Mu ntahe y’icese, NZARABU yadomye urutoke kuri bamwe mu ndongozi z’igiporisi n’igendereza ko bagize uruhara muri ubwo bwicanyi. Yarinze atoroka ibohero ryo mu Rumonge abo yagiriza batarengutswa kugira babumvirize. Urupfu rwiwe, hamwe n’abandi babiri baguye mu gitero mu Rukoko, rwamenyekanye kuri uwu wa mbere.

JPEG - 21.8 ko
Innocent Ngendakuriyo "NZARABU" (hagati)

Egide Nduwimana

Messages

  • Zankina mico zirabandanya nzobambona yaramazimisi yarasubijwe mugi police ibujumbura yaheruka gufata inzoga zumugorumwe ngontizemewe namategeko ayamakuru ntashobanutse baramuhindutse ntaco kazima yabavuze abobaribasangiye uryamugambi ubishe

  • N’akamaramaza. Umugambi wa SAFISHA urabandanya.Nibareke izo nkinamico. Turazi ababikoze nukuntu vyakozwe. Yatorokeshejwe na Peter, Adolphe, Bunyoni, Ndakugarika,...Bigenda gute ukuntu yotoroka ibohero nka rirya ryo murumonge tuzi ko atawupfa gutoroka kandi akagenda aruko atanguye kwagiriza ba Adolphe yuko aribo bateguye ubwicanyi bwabarya bantu 39 bo mu Gatumba? Yakuwe mw’ibohero mu Rumonge n’abapolisi bo mw’iperereza hamwe n’Imbonerakure, ajanwa gufungirwa muri Congo ahagenzurwa n’abantu ba Colonel Kabisa (igikoresho ca Peter) atwara akarere kambere ka gisirikare, barindira iyi tariki kugira baze kumwicira harya murukoko. Ntibasubire kubeshera aba FNL. Nibonyene bateye ikirindiro ca gisirikare, bitwaje Nzarabu n’abandi baribakeneye kwica hama basiga babishe. Ikibabaje n’abo basirikare barwa mumporero zivyo binywamaraso bazi ngo bari kukazi k’igihugu bagaterwa n’ababatwara kugira bikingire m’ubwicanyi butagira izina birirwa bakoze. Bazobazwa vyinshi.

  • Ijambo ry’Imana rivugati uwicisha inkota nawe azokwicishwa iyindi!ijambo ry’Imana ntiribesha,urupfu yicishije abandi nirwo nawe bamwicishije.

  • Jew simbona igituma muniga coment zanje none bibamariyiki?
    None mubishirangaha ntitubaze?
    Iyinkuruntikwizibisabwa murabo batatu nikuvuga yukwabobandi atamazina bafise? ko twese tuzi kwari police ibujumbura nzarabu.

  • Bareke nibaba bamwishe ngo bazimanganye dossier igikuru n,uko yariyaramaze kubatunga urutoke abamutumye gukora icokibi.Azosubira kubagiriza imbere y,Imana turabe ko bazoca bazimanganya iyo dossier.ArikoAriko reka bamwice umuntu azubwenge agahendwa kubwamaronko akisiga amaraso ahubwo atangure abibazwe kugite ciwe iyo yagiye,nazohave ahura nabandi banywamaraso ngo bamutume gukora amaraso.

  • Aka kaga gakwiye guhagarara kuko abari mu gihugu ni twimaranira mubona ari inde azemersko twatewe aho bukera?, Ikitagusetsa amajambo meza yitirirwa umutekano asorongorwa kuruta aya Salomu Umwami w’Ubuyuda mukwakira Ukaristia amakoti akayora ivu, mu bikorane vy’ikinamico impwemu zihumanye n’amadayimoni n’imitima ibagiriza vyabajegeza:Abatabizi ngo;Dufise igihugu cagiriwe ubuntu kuko nAbatuyobora baravugishwa!!!!. Mana ubona ivyihishije ibwina bw’imitima tabaranya ahandiho ntaco uzosanga

  • hasigaye shebuja AGATON RWASA kurirya dossier y’abanyamulenge yishe izuba riva

  • Wicisha inkota bugaca bakakwicisha iyindi! Nzarabu igire wari Intwari; ntawundi yorya umutima amenyo nka Nzarabu mu kudoma urutoke kubihangange nka birya yavuze! SAFISHA we nturahaga amaraso? Mbonako Nzarabu atari muri kirya gitero gusa yazanywe nabigize ngo nabo kwa ncondogori maze bamwiciraho! Bagomvye guhuvya amatohoza nkipfa rya Mukono! Ariko bibagiye ko:" UTA INKOKO UDATA ICO YABITSE."

  • Aho rero bibaza ngo babishoboye bishe nzarabu. Emwe Imana yo irabarindiriye naho atari kubavugira muri sentare, urubanza rwabo Dieu yaramaze kurushira mumwiherero.(INGERO YICAHA NURUPFU) REKA RERO IMANA IZOBAKATIRE UWAZERO MURI GIHONOME IYO BAZOZA GUSYA INSYA Z’amenyo ibihe bidashira.

  • Nibareke kubesha nta NZARABU yapfuye!!! Ariko niwe atazi indwano kuburyo ari muri batatu baca bapfa!!umwasaya wokukame!!!rekareka ariho!! canke naho yashatse kwiyahura birashika yarambiwe n’ivyisi!!!

  • Kamwenubusa sha ubwo urazi umugani uvuga ngo: ruriye abandi rutakwibagiye? Barabatuma gukora ibibi maze bakababwira ngo bazobakingira! Urupfu rwa Nzarabu rubahe isomo ntimuvuge ngo hasigaye RWASA!

  • IYI POLITIKE YACU NTIRATERA IMBERE

  • Yemwe yemwe! Abagabo bararya imbwa zikishura. Impera nimperuka intahe izotinda igire ijambo mugihugu c’uburundi.

  • Ariko aho ntibomaramara bakagarukana umutamana wigihugu cacu kaciye inganda umuntu azwi neza ko yakoze ubwicanyi nkubwo yokwidegenvya mugihugu? Reka babifate minenegwe bizibonera! Abamagogwa nitwe abenegihugu batobato tutagira aho twirukira

  • Ingero y’icaha ni urupfu.Uwicishije inkota azokwicwa n’inkota.Abantu nk’abo bakirota kwicana bakwiye guhona.

  • nukuri harageze oho bokumvako abarundi tutarinyoni mbegako utwara uburundi ari nkurunziza abivugahiki natebe yumvamarirayababavyeyi kuko vyose niwe abikora

  • none nzarabu yarekuwe nande

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.