Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intambwe ya kabiri mu kumenyekanisha urukurikirane « Ntaco nzoba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Intambwe ya kabiri mu kumenyekanisha urukurikirane « Ntaco nzoba (...)

Intambwe ya kabiri mu kumenyekanisha urukurikirane « Ntaco nzoba »

lundi 19 Myandagaro 2013

Ukumenyekanisha urukurikirane « Ntaco nzoba » biteye ku nambwe ya kabiri. Umuririmvyi Fortran Bigirimana aramaze gushira ahabona urwo rakaba amaze kuzishira ahabona.Ubu hashikiriwe ukumenyekanisha urwo rukurikirane mu mashengero.

Uyu muririmvyi yavuzeko urukurikirane rwiwe « Ntaco nzoba » yateguye kurushira ku mugaragaro mu buryo bubiri. Bumwe bwari igiteramo co kurwego rwo hejuru yakoreye kuri Sun Safari cari kitabiriwe na cane cane n’abarongozi b’igihugu nk’umushikiranganji w’inkino n’imico kama, umushikiranganji w’ingenzi n’ubudandaji mbere n’umutambukanyi w’ikegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu n’abashikiranganji n’abandi banyecubahiro.

Uburyo bwa kabiri nubwo kuyishira ku mugaragaro mu mashengero. Ubu rero akaba agiye gukora ibiteramo vyinshi mu mashengero ari i Bujumbura mu ntumbero yo kumenyekanisha ubutumwa bwiza buri mwuri izo ndirimbo . Fortran Bigrirmana ati : « Ndipfurije umuhezagiro umuntu wese azokwumva indirimbo zigize uru rukurikiran. ndasaba kandi umuntu wese aba akwiye kumviriza indirimbo ariko zikanamuhindura agakizwa, agasubira kugira inkomezi ».

Mwomenyako urwo rukurikirane « Ntaco Nzoba » rw’umuririmvyi Fortran Bigirimana rukaba ruriko ruragusrishwa mu gisagara ca Bujumbura mu maduka amwe amwe.


Sengurebe Joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.