Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intara ya Kayanza irafise ingorane mu gisata c’amagara y’abantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Intara ya Kayanza irafise ingorane mu gisata c’amagara y’abantu

Intara ya Kayanza irafise ingorane mu gisata c’amagara y’abantu

mercredi 19 Ruheshi 2013

Umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ca SIDA, muganga Sabina Ntakirutimana, ariko aragendera intara y’ubuvuzi ya Kayanza, mu ntumbero y’ukwirabira uko ibitaro n’amavuriro bikora muri iy o ntara.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza SIDA akaba yiboneye ko hakenye abaganga, ububiko bw’imiti, imiduga ya ruseha abaniha, amadeni y’abakoresha udukarata two kwa muganga, ivyo rero bikaba ari ingorane nyamukuru zibonekeza mu ntara y’ubuvuzi ya Kayanza.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ca SIDA yamenyesheje ko ubushikiranganji atakazi buriko buratanga muri iyi minsi ariko ko ubuvuzi mu ntara bushobora kwiyungunganya bwo nyene, bukaraba uko bwovura abarwayi. Umushikiranganji akaba yatanguriye urwo rugendo ku bitaro vy’akarere ka Musema aho yagendeye amavuriro ya Matongo na Gatara.

Abanyagihugu bo mu ntara zo hagati mu gihugu ariko, bakaba bidogera abaforoma bamwe bamwe ko bakira nabi ababitura, na cane cane mw’ijoro ko hari aho bahamagara uwofasha umurwayi mw’ijoro maze ntitabe, ikindi naco, bavuga ko hari naho babakira nabi, bakabarya umutima, kandi umuforoma wese canke umuganga yategerezwa kwakira umurwayi neza atakumurya umutima.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.